homepagesociete

Ntahangwa :Bimwe mubimanga birabangamiye inyubakwa

Kuva mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka wa 2024 umugende wa Cari uca muri serire ya 12 muri karitiye Winterekwa uramaze guhitana igice c’ibarabara rimwe ,ryo nyene ry’ikaburimbo rica muri iyo karitiye. Uretse iryo barabara, ibiti vy’amatara vyarahenutse, bene amazu amwamwe yegereye igihomoka candurutse kuri ako kuzi, barahunze.

Umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe gutunganya ibisagara aho yari kwirabira uko ibintu vyifashe kuri uyu wa mbere, Léonidas Nibigira arongoye ikigo c’igihugu kijejwe inyubako OBUHA, asigura ko iyo migezi ubwambere yari mito cane, munyuma igenda iraguka uk ou imyaka yagiye iragenda. Avugako iyo abanyagihugu batabaza kare ikiri mito vyari kworoha guhagarika ukwaguka kwayo atakinini kirononekara.

Uyo arongoye ico kigo avuga ko muvyatumye hacika ibimanga, ari ihindagurika ry’ibihe, inyubako zubatswe kunkengera z’iyo migazo muri za metro 25 zibujijwe n’amategeko, kutubakira iyo migende y’amazi, kutubakira inkombe zayo, n’ukuba atacakozwe igihe ivyo bimanga vyatangura kwaguka ngo imihana isubizwe inyuma.

Abarongoye OBUHA basanga muvyihuta harimwo ko imiryango yegereye ivyo bihomoka vyose babwirizwa kwimuka mumaguru masha atakindi kiringo gisabwe.
Ikindi kandi nuko ico kigo gikoranye n’urwego rw’igihugu rujejwe gutabara mugihe c’ibiza n’isibe, bagiye kurondera mubafashanya na Reta amafaranga yo gushigikira imiryango izoba yimuwe, nkuko bishikirizwa na Léonidas Nibigira arongoye OBUHA.

Ubu ico kigo kivuga ko gushika mu 2027 ibicapo vy’intunganyo nshasha z’ibisagara bizoba vyabonetse. Muri kino gihe abanyagihugu basabwa ko boba baritegura kubahiriza amategeko kuko hariho inyubako bizoba ngombwa ko zibomorwa kugira haboneke ahazoca amabarabara, imiringoti itwara amazi n’ibindi.Ico kigo ariko cizeza abanyagihugu ko bazobikorana kuburyo ivyononekara vyoba bike.

Kuri iryo bomagurika abanyagihugu baba ahegereye izonkombe n’ubwo bavuga ko barara ntibuca basaba nyabuna ko Leta yokubakira izo nkombe vyihuta kuko batagira iyo baja.

Kurico Léonidas nibigira arongoye OBUHA avugako aho kubashira hariho kandi hameze neza hisunzwe ikarata y’amangenge.

Inkuru yanditswe na Jotham Iratuzi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669