Burundihomepagekirundisecurity

Urwaruka rwipfuza kuja mu giporisi, ruhawe ikaze

Ku rwaruka rwipfuza kwinjira mu giporisi, ubushikiranganji nw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano bumenyeshako buzokwandika abinjira mu nzego zose : Intwazangabo, ibisongerezi, hamwe na batobato.

Buciye ku cegera c’umuvugizi wabwo, ubwo bushikiranganji bumenyrshako ico gikorwa kizoba kuva ku wa 21 Gitugutu gushika kuwa 3 Munyonyo 2020, ukwandikwa kukazobera ku mirwa mikuru y’intara zigize igihugu.

Ku ntwazangabo, ibisabwa ngo ni urupapuro rw’umutsindo rwa Reta (Diplôme d’État), canke urundi rupapuro rwerekana ko watoye Ikibazo ca Reta, hakenewe kandi fotokopi yayo.

Ku bisongerezi na batobato, hasabwa bulletin original yerekana ko wamenye mu mwaka w’umunani canke urundi rupapuro ruvyemeza, hamwe na fotokopi yayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764