BurundihomepageJusticekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIES

Urwego ARCT rusaba abaronse ben’ubu butumwa kubimenyesha urwo rwego

Urwego rujejwe gucungera itumatumanako ry’amakuru mu Burundi ARCT rusaba abanyagihugu gushengeza inomero zose ziba zarungitse ubutumwa buteye amakenga mu ntumbero yo kugwanya ubusuma bubera ku materefone ngendanwa.

Nk’uko biri mw’itangazo urwo rwego ruheruka gusohora, rutanga uturorero tw’ubwo butumwa buteye amakenga dukuririkira :

-Mwararonse akazi ? Nimba mutarakaronka ndondera birihuta

-Ndi Chef de zone, barakwanditse mubazogira formation yo kwikingira Coronavirus,namba utiyandikishije mpamagara birihuta

-Bite ncuti? Mbe wewe wariyandikishije muri seminaire y’ukuntu muzokwigisha ivya coronavirus? Nimba utiyandikishije ca umpamagara kuri izi nomero

– Bite? za numero zitanga itunga wipfuza nizo wocako, uhamagara kuri izo nomero nyene

-Bite ncuti ? Mbe urafise akazi ? Hari igikorwa muri UNHCR co kwakira impunzi zahunze 2015, ukaba wokora mpamagara kuri, n’ubundi.

Inomero zose zamenyekanye zizorungikwa muri ARCT biciye ku butumwe bugufi (sms) kuri whatsapp ku nomero zikurikira : 61978971.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764