Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Amwe mu mabanga azogushitsa ku masonga

Isanamu ngereranyo y’intambara ucamwo ugiye ku masonga

Mu kiringo rero wamaze gufata ingingo y’ico uzoba uri mu myaka hagati ya 7 na cumi”, ubwo nyene uba winjiye mu ntambara zinyuranye mu buryo bw’impwemu. Ibishobisho rero binyuranye biba vyari vyibereye mu mahoro, vyiryamiye kubera wamaze kuvyemerera ko ataco wovamwo, yuko ibijanye na kazoza kawe atari wewe wobibazwa nyabuna vyobazwa Imana( Bizimana) biraheza bigaca bija mu ruhagarara.

Ivyo bishobisho rero biza ikivunga nyabuna bibandanya birwanya iyo vision yawe, kugira vyigumire aho vyari vyibereye ( zone de confort). Ivyo bishobisho rero nivyo bica biheza bikaguma bigutuma ubura inguvu( Courage),maze ukaza urumva n’ivyiyumviro biza kukubwira ngo “ivyo bintu ntibishoboka”.

Ivyo rero ni ibiza guhagarara imbere ya bwa bu Mana ufise muri wewe, bumwe bwogutumye ata kintu na kimwe udashoboye, za mpwemu twahabwa n’Imana z’uko rero dushoboye kurema, kurya nyene nayo ivyo ishatse ikavuga biheza bikaba.

Ugasanga rero wumva muri kino gihe warafashe intumbero y’ikintu uzoba , hamwe n’ico utegerezwa kuzokora kugira ugishikeko yamara , uko bukeye ukumva haje ibindi vy’iyumviro bisa nk’ibishaka kuguhinduza, bigashaka kukwereka ibindi wokora, maze ugasanga indwi imwe canke na zibiri zirarangiye ata kintu na kimwe ukoze mu gutera intambwe ngo ushike kuri na hangiro( Vision) woheza rero ukamenya ko ingwano iba iriko irabera muri wewe nyene.

Ba Sokuru bati “akazimiye ntaho katarondererwa”, mu bushakashatsi twagize hirya no hino mu buryo bw’ugushobora kuvugana n’ibibera muri twebwe nyene , twasanze ama psaumes afise ico yofasha gikomeye mu nzira yawe ija ku masonga.

Nobigira nte?

Burya ibintu vyose biba uko umuntu avyise. Uko uvyemera niko bikubera. Na wafata Psaume ya 2, ukayivuga incuro nyinshi maze ukayivuga wumva ko uriko urabwira ibintu utabona biri muri wewe kandi biriko biragutuma udatera intambwe kubera biguma mu ruyogoyo, hama ukabigira mu kwemera ko biriko birumva kandi bigiye guheba, uzoheza ubone ibikurikira. Kuri internet turabona insiguro zinyuranye batubwira ngo inguvu izo psaumes zifise, ariko rero biraheza bikatugora kuvyemera kuko bataba batubwiye iyo babikuye. Musonga rero abakunda gusoma izo psaumes, hari aho ababitohoje bavuga ko ituma usubirana inguvu( Pour reprendre le courage). Imvo ni iyo nyene. Mu kiringo impari ziheze muri wewe, uca usubira kuronka ingoga z’ukubandanya.

Izo nyandiko nyeranda rero benshi baravuga ko zifise inguvu zikomeye kuko na kare Umwami Dawudi yazikoresha mu ntambara yariko arwana y’ukumushikana ku masonga y’Umusozi mweranda.

CE URWEVU!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765