BurundikirundiSpirituality and progressUrwevuyouth

Urwevu: Bivemwo imbere y’uko “uvamwo”!

 

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko ariyumvira uko yobivamwo.

Mw’ijambo “igicumuro” ndumvamwo ijambo “icumu”. Iyo ucumuye rero, ni nk’uko uba ucumise. Uwo mucumuranye burya muba mucumitanye! Muba musamburanye. Muba mumongoranye amubi y’agaciro” ubuntu”.( la dignité)

Uba uhomvye cane. Mbere uba uteye ikigongwe. Uca umera nk’uruyuki rutakigira uruboyi. Umuyinga. Mu gihe wahora ubaho ataco wiyotsa, uca utangura kugenda ukebaguzwa mu buryo bw’impwemu wikeka ngo hari uwobimenya.

Uca usigara wiyotsa kandi wahora ugenda ataco wiyotsa. Uca utambuka wumva uhwahutse nk’umuguruka, kandi kare na kare wahora umeze nk’ibuye rishigikiye infuruka.

Ucumuye uba ucumise umuntu. Uba ucumise wewe nyene. Uba wicumise. Uwugutumye gucumura,  aba aguhombeje; aba asa n’uwukurimaguje agafuni mu mugongo. Aba aguciye ibihengeri.

Uravye nabi ngo ntuce wivyukiranya ngo ubivemwo, abandi baraheza bagaca muri nya bihengeri nyene, bagaheza nabo bakaza kwiyamurira. Uravye nabi usigara umeze nk’uruboga ruteye kw’ibarabara;  rwamurwa n’abahita; akarago k’abaraye.

Uko baca mu bihengeri ari benshi niko inzitiro zose ziteba zikagusambukirako , gutyo buhoro buhoro ukazosanga usigaye  ku kangaratete, hamwe n’ingurube ziyerereza zitokugera umutwe( mu buryi bw’impwemu).

Umanika agatu wicaye , mu kukamanura ugahakuruka. Vyoroshe kujamwo, ntivyoroshe kuvawo.

Utivyukiranije ngo ubivemwo hakiri kare, ukome akaruru , ukirize ibiganza ngo abantu bakudwiburure muri iyo nyenga uriko ujamwo, bizohava bikubana amahanga,bikubane imisozi, uhave uhereza guhitamwo ukwoga amamanuka, ariyo majo, amazimayongo!

BIVEMWO IMBERE YUKO ‘UVAMWO’!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 505