Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Disipiline niyo izogukura mw’ibohero ry’ibinyamubiri vyakuganje.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Uko twagiye turatohoza muvyo abaciye urwevu imbere yacu bavyanditse, twasanze koko umuntu ibimutera ingorane, inzitizi ziwe afise ziri muri we nyene.

Ivyo vyose bigushikira bigushikira kubera hari ibiri muri wewe nyene vyabikweze. Ivyo vyose urimwo uwu musi , ni ibiri muri wewe nyene. Ugendana n’abantu babi? Niwe wewe nyene wabakweze kuko muri wewe harimwo ikibi utazi, utazi n’amamuko yaco, mubona ko bitobura niyo biva.

Urakenye? Ntuheze ngo uce wibaza ngo ni ukubera bino na biriya. Eka na mba! Hariho imvo ziri muri wewe nyene, zivanye n’ukuntu wiyumvira, amamuko yawe, uko ubona ibintu … vyatumye.

Niwamara guca urwevu ukumva ko inguvu canke ukugoyagoya kwawe biri muri wewe nyene, uzoba uriko urakira. Niwamenya ko , nimba wemera Imana, ukwiye kumenya ko iba muri wewe nyene imbere y’uko iba mw’ijuru, uzoba uriko uraca urwevu kandi uzoheza wame uzirikana ko ivyo wiyumvira, ivyo ukora winyegeje vyose ivyumva canke ikabibona ntya!

kenshi rero nk’uko abahinga babivuga, igituma duteba tugatuna inzitizi zigatondera, ngo n’uko duhava tugasanga twararemaye, tukama twibaza ngo tugowe n’ibiva hanze , kumbe ntitumenye ko n’ivyo biva hanze biba bije kubera ibiri muri twebwe nyene.

Abasokuru barayamaze bati” Uwanka isanzi ata akanuka”. Nimba ubukene ari isazi, ukabona bwagutondereye, umenye ko hariho akamoto ( imvugo mbabariramatwi) bukwirikirana muri wewe. Aho mu vyiyumviro vyawe, aho mu bishobisho vyawe, harimwo ibinyamubiri( les émotions négatives) biza biraguhebuza , maze bukebuke, bikaguhendahenda , mutarinze n’ukunigana , ugasanga umwaka wose urarangiye wiyicariye aho nyene , wiraramiye, uwugize aravuga , ugaheza ukamiza inyishu hafi” Nta buzi bukihar”, Umushahara ntukwiye””.. gutyo bukebuke ukazohava ukazinga ibirango ukaryama mu kabande k’ibibazo , ugatuna bugatondera.

Ca Urwevu, umenye umwansi wawe uwo ari, aho ari , n’ukuntu akora.

Discipiline niyo yonyene izogukurako ibinyamubiri vyakugize imbohe ku ruyeri ku rwenge.

UWANKA ISAZI ATA AKANUKA

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765