Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Dusaba nabi kuko benshi tutazi n’ivyo dushaka

Aho Imana  yabusya , Shetani yari musi y’urujo!! Aho yavuga iti” sabe muzoronka” Sinzi igitabo nasomye nsanga abaciye urwevu bavuga ngo ibice birenga mirongo icenda kw’icana vy’abana ntituzi ico twifuza  mu buzima.  Naciye ngira nti vy’ukuri umubisha ni “bazahica”. Rigipfuye kumurwa mu gutwi ko ivyo twosaba vyose tworonka, yaciye yihutira kutuzimagiza, aduhuma amaso mu buryo bw’impwemu, atubuza kumenya ivyo twifuza koko ngo twoye tubisaba tukabironka.

Ugaheza ugahura n’umuntu akakuyaaaaagira ingorane, akakubwira ko agowe ay’ikivumvu. Mugabo rero mu kiringo umubajije uti none ubu wumva wifuza iki? Ukaza wumva akubwiye ngo ” reka ivyanje biragoye”! Nk’uko rero umengo arishuye.

Niho abantu bahinga baciye urwevu imbere yacu bahavuye basanga ko ngo  ubwenge bwacu dusanga twabukoresheje caaaaane ku bitugoye maze tukaruhira gusanga twibagiye ku vyodukiza. Bica bihura n’umugani Dawe akunda kuncira ati!; Igiti kirwa iyo gihengamiye.”

Mu kiringo rero twamanye amarira, ka gace kacu kitwa subconscient gasanzwe gafise ubwenge nk’ubw’umuremyi karaheza kakaruhira mbere kw’ibaza ko ivyo duhengamiyeko tukama twibaza buri kanya nyabuna ko ari vyo bisabo vyacu. Karaheza kagaca kaduha inyishu zihuye n’ivyo nyene, ugasanga, nimba uri umwidozi wa cane, abantu benshi mugiye murahura mu buzima ni abameze nkawe kuko kanatsinda aba ari wewe nyene wabakweze mu buryo bw’impwemu. ( la loi d’attraction).

Fata akanya gakwiye naho yoba ari indwi yose wibaze uti; Jewe nshaka iki koko! ( The power of knowing what). Ivyo biba mu buzima bwacu bwa misi yose. Ugasanga umuntu ariko yeteta arenga imirambi arondera ivyo mbere yarasanzwe anafise kuko biba biseye nk’uko yari yabirose atari azi ko arivyo akeneye. Akama ari kaguru karabeba, njana  n’abaja nk’uruboga ruteye ku nzira.

Raba neza ko uzi ivyo ushaka koko!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765