kirundiUrwevuyouth

Urwevu: Guma ubega uzoteba ushike aho ushaka.( Ahari inkozo)

 

Isanamu ngereranyo y’umu aguma yiyumvira uko yobivamwo.

Ugasanga rero hari abantu amaso yabo yama yihutira kubona ibitagenda. Iyo ikirahuri gicagatiye, bobo baraheza bakibonera igihande kigaragara, ntibashake kwerekwa igihande kirimwo  amazi. Umubajije araheza akakubwira ko abona ikirahuri kigaragara igice, ah’ukubona ikirahuri cuzuye igice.

Ico kinyamubiri rero bacita ko ari ikinyamubiri  c’ukudashima( Forteresse d’ingratitude).

Iyo ufise ico kinyamubiri rero uraheza ukama wamana imyidogo. Ntikigukundira ko ubona ivyiza Imana yaguhaye, kiguma kikwereka ivyo nyabuna ngo udafise.

Abatewe n’iyo ngwara uraheza ugasanga ari abantu batagira amaragamo. Bamera nk’abantu batazi ivyo bo nyene bashaka. Iyo batanguye ikintu baraheza bakagicira hagati. Ikintu cose batanguye, bagize ngo barateye imbere baraheza bagaca babonamwo ivyo bobo bita ingorane maze gutyo bagaheza bagaca batererana hasi.

N’iyo bubatse izabo ni uko nyene. Bamaranye imisi, baraheza bagaca bihutira guhengamikira amaso yabo ku gihande kirimwo ibitagenda neza vy’abo bubakanye nk’uko umengo data har’ivyoba vyera ngo de!

imyidogo ku yindi dogiri dogiri, maze kenshi  hagateba hakaza ivyo rero bise ngo  ni uguca akenge, gutyo inyana zigaca zitangura  guca ibiziriko ,zikarenga imirambi zirenguka data ngo zirondera ahoba ingomero yozimara inyota.

Izigize Imana ziruhira kugaruka mu ruhongore, iyo zisanze ingomero nshasha zuzuye ivyunyunyu bikata, bigamye,binyinyira. Nayo muri ubwo bwangare, hari n’iziruhira kuhahongokera amenyo, zikazozoruhira kugenda amazimayongo zijanya ibinyigishi gusa.

Abahinga bavuga bati ”ntukorendere iciza mu bintu vyinshi, rondera nyabura ivyiza vyinshi  mu kintu kimwe”.( kandi burya biba biriyo, iyo witonze)

Dawe nakuze ancira umugati ati mwananje,” Nta yimba ngo  ibure ivu”!

LA DIGNITE!!!!

N.B Muri psaume 10 niho ngo bavugamwo ico kinyamubiri( Restless spirit). Urayikoresha nimba kikubangamiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 463