Burundieclusive newskirundimembers-membership-requestUrwevu

#urwevu| Hitamwo Umuco

 

Rondere amahoro ava ku Mukama!

Kugira ugire amahoro n’uko ku mushaha ataco woba wiyotsa. Kugirango naho ubeho ataco wiyotsa biraheza bikagusaba kugira ingendo y’ubuntu. Iyo ufise ingendo y’ubuntu rero niho uheza ugatambuka ataco winona, mbere mu gutambuka agatwe uranega!
Ushize ibirenge hasi uraheza ukumva ko uhagaze ku maguru abiri,ugaheza ukumva ko uhagaze ahatanyiganyiga  Ku rutare.
Muri ico gihe uba uhagaze mu Muco. Ntaco wumva woba ugikora winyegeje.
Gerageza ivyo uvuga, ivyo ukora, ku mugaragaro bihure n’ivy’ukora atawukubona.
Ivyo ukora winyegeje ni vyo bizokwenyegeza. Bizokwama bikwagira.
HITAMWO UMUCO!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 502