BurundihomepagekirundiUrwevuyouth

Urwevu: Ibi bintu bitatu ubikurikije mu myaka 10 ngo woba uri igihangange.

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Mu gitabu canditswe n’abagabo babirei Jack Canfield na Mark Victor Hansen Les Hewitt citwa ” The Power of Focus” baraduhanura ibintu bitatu twogira inyifato ( Habits) maze mu myaka iza kugira dushobore gushika ku masonga navyo bikaba ari ibi ukwiye kugira akamenyero:

1. Wihe kwama urondera kumenya, ugire ubushakashatsi bukwiye urazwe ishinga n’ukumenya uko, abandi bashitse kure babigenjeje. Babaho gute, bari bafise inyifato nki. Ivyo rero ngo ubimenya mu gihe wihaye kwama usoma ama autobiographies yabo, nk’uko ushobora kubisanga kuri internet canka ahandi hose. Ubirondeye ntavyo uzobur.

2.Gira akamenyero k’ukwama wumviriza ama audios zijanye n’ibi vya motivation, aho usanga abantu bateye imbere bariko baracisha urwevu abandi , baguhanura ivyo woshobora gukora. Ivyo vyose ubirondeye kuri internet wobironka. Maze ngo uheze rero ugire akamenyero k’ukwama uriko uravyumviriza, haba mu gihe uriko urakora sport canke ikindi gihe cose vyoshoboka kubifatanya n’ibindi uriko ukora. Abo bagabo bakumenyesha ko mu gihe wihaye kwumviriza izo audios iminota 30 ku musi, ngo mu myaka itanu, uzosanga wamaze amasaha 1300 uriko uriga. Murumva ko uba umaze kugira ubumenye bukomeye.

3.Ikindi naco baduhanura ngo n’igusoma ibitabu vyinshi bishoboka mu bijanye n’ivyo uba warahisemwo kuzokwirikirana mu buzima.Umuhinga Jim Rhom ( nyakwigendera) akaba yari yaravuze ati mu kiringo wokwiha umugambi w’ugusoma igitabo buri kwezi, mu myaka cumi uzoba wamaze gusoma ibitabo 120. Uheze rero wumve, ubumenyi woba ufise ko ari bwinshi.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764