Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

# Urwevu| Ibintu vyose urabishoboye!

Aho muri wewe , muri uwo mutwe wawe harimwo inkomezi ziteye ubwoba! Hariyo inkomezi zingana n’iz’Imana. Urashoboye kurema, mu kiringo uciye muri nya nkomezi. Nta kintu na kimwe udashoboye gushikako! Hari mbere vyinshi ushoboye utonakwibaza ko woshobora.

Ic’ukumenya gusa ni kimwe. Hari ibintu vyinshi muri wewe vyamaze kuza kukwemeza ko udashoboye maze nawe uhava uravyemerera. Ivyo rero vyaragiye muri “subconscient” biramata, maze biba nk’ibitare, bihava, bivyagarara kuri za nguvu ziri muri wewe maze birazikwibagiza bituma wewe wiha ishusho yavyo ah’ukwiha ishusho ya nya Sanamu iri muri wewe.

Irondere muri wewe. Va aho muri ako kabande urimwo, ukore ukore, uduge imisozi maze ushike ahakirurutse, ahabona uheze utangure kubona hirya y’imisozi. Uko uzoduga, niko uzobona kure. Ibi vyose ubona n’amaso hanze, no muri wewe nyene biriyo. Ivyo udashoboye hanze n’ikimenyetso ko utabishobora muri wewe nyene. Intambara zose zibera muri wewe mu buryo utamenya.

IMBERE YA VYOSE BANZA UMENYE KANDI UZIRIKANE KO ATAKINTU NA KIMWE UDASHOBOYE

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765