Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevu

Urwevu : Igipfa caburiwe ni impongo!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Mu buryo bw’impwemu rero nk’uko abahinga babimenyesha, ni ho mamuko y’ibidushikira vyose aho tugeza amaso. Abo bahinga baravuga ko , nk’akarorero, umuntu ashobora gusanga agize nk’uruhere ku mubiri, maze ugasanga urwo ruhere rurafitaniye n’ishavu canke inzigo afitiye umuntu yamugiriye nabi, maze akanka kumurekurira.

Akandi karorero ka hafi kerekana inguvu z’ivyiyumviro vyawe n’uko hari nk’abapfasoni ngo bishika bakiyumvira ko boba bafise imbanyi, maze, muri ukwo kwizera cane ko bayifise ngo hagateba hagatangura kwibonekeza ibimenyetso nk’ivyo bihuye n’ivyiyumviro vyabo.

Ku bijanye rero n’ingwara, ntawovuga ko zose ziva mu mutwe. Hari izidufata nyabuna kubera inyifato zacu. Izo nyifato tukazigira kandi na twebwe tubona nyene ko turiko turaja mu mahonero, umuntu akazorinda akatwibira umutwe akanyikira mu mazi agatwarwa kandi uko bukeye atigera ahengeshanya gufata ingingo y’ukubivamwo bikanka.

Mu vyo tugendana rero, biri muri twebwe vyose si ibidushakira amahoro. Hari ibishobisho( ba Sokuru bavyita  ibinyamubiri,abazungu bavyita les égos) nyabuna bidusuka bikadujana mu mahonero ku ruyeri ku rwenge, mu buryo butekanye maze bigateba bikadushikanayo ata wamira. Kenshi iyo umuntu ashatse kuvuga ivyamunaniye avuga ngo “Vyanse”! Yamara ntawufata akanya ngo yibaze ati none ni ibiki vyanse? Hariho ibintu muri wewe vyanka ko uhindura ibintu.

Noneho rero abaciye urwevu mu buryo bw’impwemu basanze psaumes z’umwami David, ari uburyo bumwe bw’ukuvugisha ivyo binyamubiri.

Fata ingingo y’ukuza urasubiramwo Zaburi 101, uvyutse canke ugiye kuryama gushika aho izonyengetera muri subconscient, uzoheza ubone ko ivyahora bikugora vyanka ko uja mu nzira nzima itaguhitana bizoheza bigafata umurongo, maze woye gutwarwa n’ubuzima nk’uwutwawe n’uruzi.

Kumbure , inzoga zohavuye zigutera ukurwara Cancer y’igitigu. Gerageza inguvu z’iyo sengesho uheze gutyo, iyo nkofero yateguriwe kubara abazohitanwa n’iyo ngwara , uheze uyikure.

Kandi wibuke ko umuti utavura kamwe. Vyinshi bizohakirira niwabikora maze ugafata inzira zija ku masonga atari izikujana hiyo mu kabande k’igitutu c’urupfu.

Uzoba uhiriwe ugasanga uri mu bazokwumva bakongera bakanakwirikiza ino mpanuro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764