kirundiUncategorizedUrwevu

Urwevu : Imana irumva kandi irishura. Raba hano bimwe mu vyemezo.

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma arondera uko yobivamwo

Muvyo bamenyesha abahinga bazobereye mu nguvu z’amajambo y’Imana ari muri bibiliya, bamenyesha y’uko kimwe mu vyo Izaburi ya 49 ifasha ari ukuguha gutinya “urupfu”. Ntivyari vyanyoroheye gutahura ico bisigura ‘ugutinya urupfu”. Niko rero gufata akanya ngasoma iyo psaume ngerageza kuyitahura nongera ndayizirikana cane.

Mu kiringo haheze umwanya namaze kuyisoma eka mbere ndiko nkora ibindi, niko guca ndondera igitabo mba ndasoma mu vyo nfise biri muri Ordinateur. Nciye nsanga rero nguye ku gitabo canditswe n’umugabo yitwa TODD HENRY Citwe DIE EMPTY.

Ico gitabo rero nico uwacanditse ahanura ko urupfu, ah’ukwama turwigiza inyuma mu mutwe nyabuna tworondera uko turukoresha mu kugira rudufashe kugira imbaraga. Ahanura ko umwe wese yokora urutonde rw’ibintu yifuza ko yogenda akoze imbere y’uko apfa.

Kuko rero ngo abantu tudashaka kwiyumvira ibijanye n’urupfu biratuma bishika tukiraramira maze tukibagira ko rworwo rutunye ahantu ruturindiriye. Avuga ati iyo tuba twamana ako gatima k’uko hariho ikiturindiriye tutazi aho kizodutwarira kumbure vyohejeje tukagira inyifato ijanye n’uko twobaho tugifatiyeko.

Muti Imana yishura gute? Nsanze bimwe bamenyesha ko iyo zaburi 49 idufasha gutinya urupfu ari ubwo bumenyi nciye ngira nkuye muri ico gitabo. Nzi neza ko , ninamara kugira urutonde rw’ivyo nifuza kugenda nkoze imbere y’uko ngenda, bizonfata kwinanata kurusha.

Ivyo bije guhura n’ikindi ciyumviro kiri mu gitabo citwa ‘ THE SEVEN HABITS OF HIGHLY EFFECTIVE PEOPLE” canditswe na Stephen R. Covey , aho ahanura ko vyotubera vyiza gutegura amajamba bazovuga ku musi bazoba batujanye i Butererwa. Avuga ati igihe ugihema , nico gihe c’ugutegura ibizokuvurwako ni wamara kujabuka.

Gira urutonde rutangura n’aya majambo: Imbere y’uko mpfa nshaka ko ………. ( ako kajambo ” imbere y’uko mpfa” ntukibagire!!!!!!).

IVYINSHI MUVYO TUBAMWO NI IVY’UBWENGE BWACU DUDASHOBOYE KUDUTAHUZA.

Hari izindi nguvu…

What's your reaction?

Related Posts

1 of 494