EducationhomepagekirundiUrwevu

#Urwevu| Imitima yacu yirirwa i Burundi igataha mu mahanga

Uburyohe bw’isi n’ibiyikomokako, akayaga n ‘ibiyaga, ,ivyiza Imana yatugabiye, ni kimwe mu bitumwa igihugu c’Uburundi gihurumbirwa.

Abahinga batari bake baremeza ko igihugu c’Uburundi ari nkahamwe cokwiha ihangiro rirashe ry’imyaka 10 y’ibikorwa bifatanye no kworohereza abanyamitahe, igihugu cotera imbere mu butunzi gushika ku rugero rurenga ibice 50% biturutse ku bwiza bwaco dufatiye ku bintu bitatu gusa :
1 Uburyohe bw’isi ndimwa n’ibiyikomokako,
2 Akayaga
3 Ibiyaga

Hakozwe ivyirwa bitari bike vyerekana ko Uburundi bushobora gutezw’imbere n’ubwiza bwabwo, uyu musi tukaza kwibanda k’uburyohe bw’isi n’ibiyikomokako.

Ubumenyi buke kumwe n’ubuhinga buto ni kimwe mu ntambamyi ituma isi idatanga ivyimburwa bikwiye. Ariko ngo ari nkahamwe ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bworonswa uhuryo bukwiye bugafata mu minwe ikintu cose bujejwe, bukegera abarimyi n’aborozi, bukabaronsa abahinga babakurikirana bakabakaburira ubwenge ndetse bakababa hafi, bagaha abarimyi imbuto ziberanye n’isi ya none, aborozi bakaronswa ibitungwa vya kijambere kandi bijanye n ‘igihe, eka bakanaronswa n’abahinga kumwe n’abaganga b’inzobere, ntacobuza ko igihugu cokwogorora.

Womengo ibi bivuzwe n’ivyifuzo, haba namba niyo nyishu y’umuhinga w’inzobere yigisha kuri kaminuza y’i liege mu Bubiligi aho avuga ko imitima yabo yirirwa mu Burundi igataha mu mahanga.

Nk’umuvukagihugu, iyo ncabwenge itashimye kw’ivuga izina yemeza ko ari nkahamwe Leta y’Uburundi yofata mu minwe ikibazo c’uburimyi n’ubworozi, igashiraho ikigega c’abarimyi n’aborozi muri buri komine ata nkeka ko mu myaka itatu gusa ikibazo c’inzara canke co gufungura nabi kitoba kikivurwa mu bwa Nyaburunga.

Akongerako ko ata nkeka mu myaka 10 gusa ubutunzi bw’igihugu bwokwiyongera gushika ku bice birenga 60% murico gisata.

Womengo hano ivyo avuga ni nko kutamenya kw’umuntu yibera mu mahanga, ariko, yifashishije akarorero gato yamenyesheje indundi Magazine ko ikibuze ari ishaka gusa, nayo ahandi uburyo ataribwo bwabuze.

Yagize ati: “Igemeri imwe y’ibiharage biteye neza kijambere vyimburwa agafuko k’isandarusi karenga bikaboneka. Ko ca kigega ca komine ari nkahamwe cotanga iyo sorori imwe kikaca cihangana amezi atatu canke arenga gato cokwishurwa isorori zibiri canke zirenga ivyotuma kitokwigera gihomba canke ngo cicare kiretse ari nkahamwe indongozi zaco zitohinduka imungwa.”

Ku bworozi naho agira ati:”Ari nkahamwe buri mutumba hoba ihiganwa ry’aborozi bato bato ata ka mwana wa mama kagiyemwo bagatoramwo abakarorero bakabagabira ishashi y’inka, impene, ndetse n’ingurube, bagahabwa itegeko ry’uko bizobegukira aruko bivyaye bagatanga inyana nabo bagasigarana nyina, uwo mu gambi utagiyemwo uburyarya mu myaka itatu gusa umwimbu w’ibitungwa n’ibiyikomokako vyoba bigezehe?”

Atahigimanze yemeza ko ubutunzi ndetse n’abatunzi b’ibitungwa vyoduga gushika ku rugero rushika 50% mu kiringo c’imyaka itatu gusa canke itanashika.

Ngo “munda harara inzara hakavyuka inzigo”, twoca urwevu tukamenya ko mu gihe uburimyi n’ubworozi bwoba buhagaze neza abantu bose bari ku kivi, mu gihugu amahoro yosasagara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756