kirundiUrwevu

Urwevu: Inyosha mbi ingan’ umurozi!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yozunguruka inzitizi.

Abasokuru ntibayivugije bayiciye umurya! Ukwihwezana ubwitonzi n’ubwenge vyar’ivyabo cane. Imigani, canke uduca mugani badusigiye rero twuzuyemwo ubwenge bwinshi arico gituma ataworeka kuza aranatugarukako

Muri ako gaca mugani kanditse biraboneka ko igikorwa bakoze kw’ari ukugira urugereranyo hagati y’ubwoko bubiri bw’inkozi z’ikibi. Naho wamengo umurozi niwe mubi kurusha inyosha mbi, bobo baravyihweje basangamwo uburinganire budahigimanga.

Inyosha mbi none twozirinda gute?

Kurya nyene kandi Abasokuru baciye umugani ” Akica urugo karuvamwo“, n’iko nyene n’abahinga bahavuye basanga ko ibidukikije vyose bisa nk’uko ari twebwe nyene tuba twaravyihamagariye.

Abo wita abagenzi bakuri hafi uwu musi, n’ukubera hari ibiri muri wewe vyatumye muba abagenzi. Mu kirundi mbere dukunda kubivuga neza ngo “Naramwiyumvisemwo”. Uwukuri hambavu rero burya asa n’uwo wiyumvamwo. Ni ukuvuga ko ari uwuri muri wewe nyene. Uwukuje impande adasa n’uwuri muri wewe, ntimuhuza namba.

Ugasanga rero hari abo wahora wiyumvamwo kera utaciyumvamwo n’ukuvuga ko , hagati aho, wewe wahindutse, abo utaciyumvamwo n’ukuvuga ko batakikurimwo. Nico gituma utakibiyumvamwo kuko ntibakikurimwo.

Abo utaciyumvamwo rero, ubu nta mpanuro boba bakiguha ngo wemere( t’influencer). N’uku ataho zoheza ngo zishikire kuko awari ameze nk’abo yahora ari muri wewe yamaze gushengera.

Tubiteranije rero vyose turaheza tugasanga uburyo bw’ukwirinda impanuro mbi, ar’uko natwe nyene tutoba turi babi. Kanatsinda umuntu yita ikintu kibi, kuko akigereranije n’ico yiza. Hama ibituma umuntu yita ikintu” kibi” canke “ciza” na vyo bivana n’uko abona ibintu. Uko umuntu abona ibintu nako bivana n’amarori arabirabiramwo. Ayo marori nayo ni urufatangane vy’ivyo yaciyemwo , ivyo yigishishwe hamwe n’ivyo yiyigishije, n’ukuva uko yatahuye ivyo yahuye navyo, tutibagiye n’ukuntu aba abona abandi bita bino canke biriya.

Impanuro:

Uwo ukunda uwu musi, ugasanga uri ku nzira y’uguhinduka, heza nyabuna umufashe mwese mugende muraterana intambwe mu bangabanganwe. Ahandi ho hazogera igihe weho ugera aho atari, uce usanga ivyo akubwira vyose biriko bigusubiza inyuma kuko , kanatsinda wewe akiri inyuma. Azoza akubwira canke ashaka kugufata nk’uko wahora, hanyuma gutyo uhave usanga yakubereye inyosha mbi.; umurozi!

Muruùva ayo marushwa y’ukumva uwahoze ari umugenzi( umwiyumvamwo) aruhiye kukubera inyosha mbi, imwe ba Sokuru bita ko ingana n’umurozi mu rugera rw’ugukora ikibi?

Menya bino:

Ukaba uriko urondera guhinduka, yamara ntufashe umukunzi wawe guhinduka nkawe, uramwanka nt’umukunda. Kuko uriko uramwishitura bukebuke, hirya y’ejo uzosanga wamwenuriye hamwe n’iyo ubinye i numero yiwe iguterefonye, mu kumwishura ubanza kugira iminkanyanya mu maso, mu gutwenga ugatwegera ku minwe, n’ayo mu mutima harimwo tubiri.

Ivyo twikorera ni kimwe, ariko ibizoduhesha igitsibo ni ivyo twakoreye abandi. Ugufasha abakunzi n’abandi badukikije guhinduka ni rwo rukundo nya kuri, uzonahererwa impera”.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 459