BurundiCour anti-corruptionhomepageIgice ca mbere 2019Ivyaranguwekirundipersonal developmentSpirituality and progressTestosteroneUrwevuyouth

#Urwevu| Irindi banga rizogutuma ushika kure

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ubuheruka, tuvuganye ibijanye n’ukugenzura ibijanye n’ivyiyumviro vyawe, aho abahinga baguhanura ko wokwamana na ntaryo ufise aho wandika ivyiyumviro vyose ubona bikomeye bishobora kugufasha, maze ukaza navyo ubisubiramwo urondera kubivyazamwo ibindi gushika aho ushika ku vyiyumviro bitomoye ushobora gushira mu ngiro bitagoranye.

Uwu musi rero, hari ikindi baguhanura. Bakumenyesha y’uko naho woba ufise ivyiyumviro vyiza bimeze gute ataco vyoheza ngo bikumarira mu gihe udafise uburyo butegekanije bw’ukuntu ushobora gukora( PLAN).

Tegura Indwi imbere y’uko itangura

Ukaba rero ngo uriko urondera gushika kw’isonga udafise plan, bisa nk’uko uriko urayebayeba, kuko kenshi ngo uzosanga ibitari bike bigucanganya, ugatambuka utazi ko uriko uratera intambwe. Baraguhanura rero ko igihe cose utanguye indwi, wofata nk’umusi wa gatandatu ukawukoresha gutegekanya uko uzokoresha iyindwi ikurikira.

Tegura umusi , imbere y’uko utangura.

Ikindi naco, kandi, n’uko , wokwiha akamenyero k’ugutegura umusi imbere y’uko utangura, maze ugahengera kirya gihe wagira ngo uryame, woheza ugafata iminota 15, ukarara wanditse urutonde rw’ivyo uzokora bukeye. Gutyo uba uraye weretse ubwonko ico uzokora bukeye mbere nk’uko abahinga babivuga ngo biraheza bigafasha ubwonko bwawe kurara burabikorerako mu kiringo woba unasinziriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750