BurundiCour anti-corruptionhomepageIgice ca mbere 2019Ivyaranguwekirundipersonal developmentSpirituality and progressTestosteroneUrwevuyouth

#Urwevu| Ibigushikira vyose bivana n’agaciro wewe nyene wiha. Raba impanuro

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Bamaze kubica hirya no hino, abahinga basanze rero intango ya vyose ari ivyiyumviro vya muntu. Ivyiyumviro vyawe bivamwo ivyamwa bijanye n’ibishobisho ( émotions) ubifatanije. Ivyiyumviro vyawe muri rusangi abahinga bakumenyesha ko bigizwe n’ibintu bibiri.( Deux aspects).

Igihande kijanye n’uko ico ciyumviro cawe kimeze  giciye mu bwenge( Aspect rationnel) hakaba kandi rero n’igice kijanye n’ibishobisho( Aspect émotionel ). Baguha akarorero bati, nta muntu atifuza kuba umutunzi ( Aspect rationnel). Yamara beshi ngo babuzwa n’ukuba hari akantu mu mutima hariya kaza karavuga gahoze ngo ntavyo woshikako. Ako kantu wewe kakwereka ko ivyo utonabitako n’umwanya niko rero gafatanye n’ibishobisho bijanye n’uko wewe nyene wiyumva, agaciro wewe wumva wiha mu buzima bwawe, muri kameremere zawe.

Impanuro.

Ugasanga umaze kugira ihangiro ryawe, rondera uritwikire n’ibishobisho vyinshi, wame wiyibutsa misi yose, ukuntu wokwiyumva mu kiringo woba urishitseko. Urashobora gutora urupapuro ukiha indero y’ukwandika urutonde rw’ibintu bishika 20 buri musi ubona vyogutera akamwemwe kenshi ushitse kuco ushaka gushikako.

Ka gace kawe Subconscient kishura kihuta ivyiyumviro bitwikiriwe n’ibishobisho vyinshi. Rondera ibishoboka vyose ukuntu woduza isanamu yawe ukoresheje ibishobisho uzoheza ubone uciye uronka ingoga nyinshi z’ukwitanga mpaka ushitse kw’isonga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750