Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

# Urwevu| Kimwe mu bitabo bizohindura ubuzima bwawe burundu.

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Igitabo citwa “ The power of positive Thinking ” canditswe n’umwanditsi yitwa NORMAN VINCENT PEALE kizogufasha cane, mu kiringo wofata umugambi w’ukugisoma , incuro nyishi zishoboka. Ico gitabo kirakwereka ukuntu inzitizi dufise aha kw”isi ahanini zivana n’ivyiyumviro vyacu.

Nyaragasa urondere aho ukironka hose, maze utangure kugisoma, kizoheza gihindure ubuzima bwawe nk’uko cahinduye ubuzima bw’abantu benshi nanje ubwanje burimwo.  Muri chapitre ya mbere, “Believe in yourself” Kiragusigurira ukuntu kenshi ivyo twibaza ngo ntidushoboye biba bivanye n’ukuntu kumbure twakuze, bivanye n’uko abavyeyi badufata, canke abandi bose twagiye turahura nabo mu rugendo rw’ubuzima maze bakaruhira kukwemeza ko udashoboye , maze bigatuma abantu beshi tugira ico abahinga bita “complexe d’infériorité”.

Ubwiza bw’ico gitabo n’uko kirimwo n’amajambo uwo mwanditsi yagiye aratanga abantu bosubiramwo, akaba ari amajambo ari muri Biblia na narirya nawe nyene yari umurongozi w’isengero ryitwa “Marbre Collegiate Church”.

 Ayo majambo rero araheza akaguhanura uko woza urayavuga ugiye kuryama canke uvyutse maze gushika ico gishobisho kigukengera uzotebe ugisezerere. Nka rimwe yahanuye abantu boza baravuga gatatu uko bavyutse canke bagiye kuryama, riri muri Philippiens 5:13 rivuga nk’uko tubibona ” I CAN DO ALL THINGS THROUGH CHRIST WHICH STRENGTHENTH ME” . ( rirabe mu rurimi rwose ushaka muri Biblia).

Mu kiringo rero wihaye kuza urasubiramwo ayo majambo incuro ngo zitatu uvyutse canke ugiye kuryama, maze ngo haragera igihe subconscient yawe ivyakira igaheza igatahura ko ufise ico wishimikije gikomeye cotuma atacokunanira, gutyo rero ca gishogisho kigukengera kikagenga kirakinjura nk’ifu y’imijira, maze ukabona gusohora isuka ataco nkomanzi

Twokwibutsa ko uwo mwanditsi  yari yavutse muri 1898 akaba yitavye  Imana mu  mwaka wa 1993.

Abahinga bakumenyesha ko ibitabo uriko urasoma uwu musi, bizoba bifise uruhara rukomeye mu co uzoba uri mu myaka itanu iri imbere.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765