Spirituality and progressUncategorizedUrwarukaUrwevu

Urwevu: Ko twamaze kurwa mu rusenga, twokwifata gute?

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uburyo bunyuranye bw’ugusenyura inzitizi zinyuranye.

Mu kanya rero gato gusa ukagenda urasesengura uko ibihe turimwo biriko bigenda uraheza, wiitonze ukahatorera urwevu. Ubu murabona ko tugeze mu gihe c’ikoreshwa rya internet. Iryo jambo kubazi icongereza ngira baraheza bakumva ko risigura ko ari mu rusenga. N’ukuvuga ko ubu tugeze rero mu bihe benshi dusa n’abakoranirijwe hawmwe mu buryo bw’impwemu.

Nayo iyo abantu bakoraniye hamwe, hakorerwa vyinshi na cane cane mu kiringo bataba bazi koko n’uwabakoranije, intumbero ziwe, iyo ashaka kubashikana. N’ico gituma rero muri mwen’ayo makoraniro umunntu wese kuruhande rwiwe aca aheza akirwanira mu buryo bw’impwemu kugira yoye guhitanwa n’ibihuhusi canke ibisebuzi simusiga vyo mu biyaga. Kuko ibisebuzi mwe nivyo  nivyo biheza bigahitana imishaha biyerekeza ku misozi y’iyo bizanana , mu ntango.

None twogira gute?

1 Tora inkingi 

Ugasanga wemera Imana weho mbere ntibigiye kukugora, kuko weho, urazi amaherezo wifuza. Bibliya ntako itagira kugire ikwereke uko uzoheza ugashika iyo wifuza.

2.Umirako.

Kuko rero weho woba wahisemwo kutazohava uhereza ku misozi y’ibitabaguzi vyohavuye bikugira iyondoyondo bikagusiga ku gasya, heza urondera amajambo yo muri bibiliya ugenderako, amwe wama uzirikana , ukayagira ingendo yawe( principes).

Ivyo bizoheza bigufashe kumenya uko uriko uratambuka, kumenya uko wigenza , abo mugendana , abo wumviriza n’abo wumvira.

Mu rwevu twaciye, twasanze , mu kiringo umaze kw’isanga woheza ugafata inkingi z’amajambo ari muri PSAUME 16. kuko izoheza ikagufasha kumenya ikibi n’iciza, kwivavanura n’abangushi hamwe n’ukumenya nyabuna uko wokoresha uru rusenga nyene kugira wegereze abantu Imana naho yoba atari yo ntumbero y’abarushizeho.

Urundi rwevu uzoheza ugende uraruca uko uzogenda urazirikana ayo majambo ari muri iyo zaburi.wongera urwanira umushaha wawe kugira ntuzogurukire ku misozi uzosangako ibizowutandagura bikawuca ubunywenywe.


mwaramutse canke mwiriwe Ncuti yanje🙌🏾🙏🏾
Mbega vyoba ari ukuri?
Muvyukuri hari ico twebwe Tumaze kwungura mw’Iterambere ry’Umuziki uno musi?
Iki kiyago kirasa neza nicayazwe uyu musi ahari hahuriye Bantu Bwoy; n’abandi baririmvyi bavanze n’abamenyeshamakuru cokimwe n’abandi bafise impano muri Art

What's your reaction?

Related Posts

1 of 69