Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Kuri wewe “succès” ni iki?

 

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Imwe mu mpanuro, umwanditsi Brian Tracy atanga mu gitabo citwa ” The power of self discipline” n’uko m’uvy’ukuri umuntu ubwiwe, ufatiye uko aremye n’ivyiyumviro vyiwe ngo ariwe akwiye nyabuna gutanga insinguro y’ico, kuri we yita succès. Ibi abivuga afatiye kw’ijambo rikomeye ryavuzwe n’umunyabwenge akomeya yitwa ” Aristote” mutayobewe benshi, aho yagize ati” the ultimate aim of human life is to be happy” Uwo Aristote nyene ngo yavuze ko ikibazo gikomeye umuntu yari akwiye kwibaza misi yose ” How shall we live in order to be happy? ( Twobaho gute kugira tugire umunezero).

Ukwiye kwama  ufata akanya ukibaza uti” Ni ubuzima ubuhe nobamwo kugira ngire umunezero”? Mu vy’ukuri rero abahinga batari bake bamenyesha ko abantu barenga ibice miro icenda batazi neza vy’ukuri ivyo bashaka.

Fata akanya, wihe imisi nka 20, uguma wibaza ico kibazo, maze gushika aho ushika kw’isanamu nyayo y’ivyo wifuza. Ushaka iki ? Ryari? Ushaka kuja hehe, ushaka kuba utunze iki,…

Kuri wewe “succès ni iki? Imana yoza imbere yawe ubu nyene iti mbarira ivyo ushaka ikaguha iminota 30, urumva vy’ukuri ko Imanaze kugenda ata kete wokwandika mu nyuma ry’ivyo wongeyeko? Hagarar uzi neza ( Mental picture ) ivyo ushaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764