Burundihomepagekirundipersonal developmentsocieteUrwevuyouth

#Urwevu| Ni mwamize agatima ku vyiza vy’amafaranga!” Igiti kirwira iyo gihengamiye”!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga babiciye irya n’ino, basanze abantu benshi vy’ukuri batazi ico amafaranga ari. Ikindi naco bavuga n’uko ngo , burya tutaronka amatungo kubera mw’itsitso rya kameremere kacu hariyo ivyiyumviro vyinyegejeyo, bifatanye n’ivyo twagiye turigishwa, bitumenyesha ko amatungo menshi atari meza, mbere hano iwacu hakaba n’imyibutsa ibimenyesha ko “Amatungo menshi aziba amatwi”.

Kubera iyo mvo rero, ivyo vyiyumviro vyarahavuye bivyara ibinyamubiri( émotions négatives) biheza bikaza biravuga vyihoreye, ngo nta kamaro k’ukukugira amatungo, na narirya na bariya banonosoye ivy’Imana yifuza kuturusha rimwe na rimwe baza baranabitwibutsa.

Ivyo rero, bica bituma, ibishobisho vyorwanye birondera kugukura mu bukene, biheza bikagira inguvu nke. Umuntu araheza agacu yumva anezerewe n’ukwirira umukate wa buri musi gusa, agaheza akivugira ngo ivy’ejo bizorya uwuhashitse. Twagishijwe ivy’uko amafaranga ari mabi, ntitwaheza ngo twigishwe uburyo bw’ukuyarondera, maze umuntu ugasanga yumiye ku ga karuvati yamara mu ndaho yiwe huzuyemwo kabaza gusa( ??????????). Ntitwigishijwe ko amafaranga atari birya bipapuro, nyabuna ari agaciro kavyo, n’ukuvuga , amatungo arama ashobora kuvamwo akazoza kazomarira abawe n’abandi akamaro kanini ubu ukiriho eka n’inyuma y’uguhindurirwa  ikirindiro.

Mu ntumbera rero y’ukuraba ko wozamura ibishobisho bikwiye kugira biheze bikubere nk’ibise vy’ukurondera amatungo, woheza ukagira kano kantu gasanzwe buri musi gushika aho uzokwumva ko subconscient yawe yavyakiriye, ivyo navyo ukazobibwirwa n’uko aho uzoba uri hose uzokwumva ko amafaranga aribwo buzima bwa none.

Misi yose imbere y’uko udyama, uratora urupapuro n’ikaramu, wandiki uti amafaranga ni iki ? Uheze wihe inyishu mirongo ibiri canke uronse n’izirenga uzandike.

Uzosanga muri rusangi , ivyo ubuze  nka vyoooooooose, vyitwa Mafaranga!.

Uzoheza rero ubigire incuro nyishi gushika aho ushika kuco abahinga bita “Money consciousness” n’ukuvuga ko uca uheza ugasanga ko uko uvyutse, utegerezwa kwiyumvira uko woronka amahera. Muri ico gihe kubera uzoheza ugahatira ubwonko bwawe muri iyo nzira, uzoheza uce dogiri dogiri utera intambwe werekeza iyo amafaranga ari na kare ba Sokuru barayamaze bati ” IGITI KIRWIRA IYO GIHENGAMIYE”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766