EducationhomepagekirundiSpirituality and progressUrwevu

Urwevu: Ntiwemere ko baguhanangura mu kibanza c’iteka warimwo!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uko yobivamwo

Maze rero imirwi ibiri y’abantu batavuga kumwe bari bari bahanganye bagaheza umusi uri zina bagaheza bakumva umuhamagaro w’ugushira hamwe.

Mu ruhande rw’abantu basanzwe bazi amatati ari hagati y’izo mpande zibiri nabo rero igikorwa kikaba gitanguye.

Muri uwo murwi wa kabiri w’abahuza, naho hari imice inyuranye. Muri bo harimwo ababa bashaka koko ko, hagati y’iyo mirwi ibiri, hoba umwumvikano, hakaba ituze, hakaba amahoro.

Uwundi muce nawo, naho utavugira hejuru uraheza ukaba urimwo tubiri. Mu vy’ukuri mu gasyasya k’umutima wabo baraheza bakaba bashaka nyabuna ko imiryano hagati y’iyo miriwe iheze ikabandanya kubera inyungu zinyuranye.

Izo nyungu nazo nyene ziri kune ziri gutanu. Hari muri bo ababa baremwe ku buryo umutima wabo udatekana iyo hari amahoro. Hari abantu muri kameremere kabo bakunda agapfa. Baraheza rero bakiyorobeka bakigira abahanuzi maze bakigira nk’inzoka bakama mu makoraniro y’ahaciriwa imanza, yamara bakaba bahaje nka kurya Shetani yari yishikiye igihe bacira urubanza Umwami Yesu Christu.

Uwundi murwi muri abo bangushi nawo ugizwe n’abantu baba bafise izindi nyungu zitajanye n’uko umushaha wabo uhagaze nyabuna , bakabigira nyabuna bafitiye uko inda zabo zihagaze. Abo rero ni ba NIJIMBERE. Baba bafise ivyiyumviro vyo mu mpisho bati ese vyoyangara ngaheza nkabandanya nirira. Mwene abo baribonekeza muri birya biganiro musanga haba harimwo n’agafaranga.

Abandi nabo ni abibonekeza ku misozi y’ingo. Hari naho nyene abazoza kuba abahanuze yamara agatima gahoze bariko bavuga bati” Have ndahicokerere”!

Aho hose rero hadutse amatati hagati y’abantu harahiriwe nyabuna uwo muntu wese afise intumbero idahinyitse y’ukurekurira mugenzi wiwe, kandi akabigira avyumvanye umutima w’urukundo, na cane cane rufatiye kuri ka kameremere kacu dusangiye twese” Ubuntu” la dignité.

Ivyo navyo , kukubera imishaha yacu yarimaguwe n’ibikomere kuva mu buto bwacu, uraheza ugasanga vy’ukuri ku rugero rw’umuntu biragoye ko yobishikako. yamara rero ngo “igiti cama kirwa iyo gihengamiye” mu kiringo woheza ukabisaba Imana uti mfasha nibagire wongere umfashe kugirira ikigongwe mugenzanje biraheza bikagushobozwa.

Nayo hoho dushatse ngo tubigire dukoresheje iyi mishaha yacu yatobaguritse n’ivyo twahozemwo turaheza tugasanga ni bimwe mu kirundi ba sokuru bise ” Ugusigana inkore ku maso”.

Mu gihe rero , abantu bashamiranye bafashe ingingo y’uko borekuriranira, baraheza bakaba bameze nk’abahagaze ku munara w’urusengero kuko umuhuza nyamukuru ni Imana .

Ukuvuga gusa ko twifuza kugarukana urukundo mu bantu ntavyo twoheza ngo dushobore tutabishobojwe kuko natwe nyene imishaha yacu isanzwe yararimaguritse. Adasavye Umukama ngo amufashe ntivyokunda.

Muti none none twosaba umukama gute?

Wewe muntu wese ushaka kurekurira abandi, wewe wifuza gukundanisha abandi, wewe ushaka kuzana urukundo mu bantu, ni vyiza ko ubwo butumwa waburose kandi mbere kanatsinda burya ni ico nyene uhamagariwe. Nyaragasa rero ubanze urondere ukukomereza umushaha kuri iryo banga wahamagariwe, uheze usabe n’Imana uti ndosa iyo ngabirano.

Ukaba wumva ugifise inzigo ufitiye bano, urabanza uhere kuri psaume 31. Bizoheza bukebuke biguhe kubona ukuri kuvuye ku Mana kunyuranye n’ivyo wewe wita ukuri , kubera ko ivyo wewe wita ukuri uwu musi ari urusukirane rw’ivyo ubona ukoresheje amaso  y’ibihengeri kahise karimaguje umushaha wawe uzoheza rero uce ubona kuza uravuga psaume 64.

( N.B ama psaumes ni imvugo umwami Dawudi yakoresha afatiye muko yaba yabonye ibintu bimeze mu buryo bw’impwemu. Ni ingwano z’ukurwanya ibinyamubiri vyatwinjiranye biciye mu bihengere umushaha wacu warimagujwe n’ivyo twaciyemwo. Ntukazikoreshe utumbereza abantu b’amaraso, kuko ntabwo turwana n’abantu b’inyama).

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757