Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Ntugacibwe intege n’inyishu ngo “Oya”. Uwutosora ifuku agumizamwo akatsi!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga mu mibereho y’umuntu, no bijanye n’ukwinginga( persuader)  abantu barakuremesha. Mu kiringo ubwiye umuntu ikintu agashoka avuga ngo “oya” kenshi rero ngo ntaba yatahuye n’ivyo wamubariye. Baraheza ngaha bagatanga umuco ko hari ubudasa hagati y’ugutahura be n’ukwumva. Igihe cose umuntu arumva,yamara si igihe cose atahura.

Baraguhanura ko, utoza uratahura ijambo “oya” nk’uko umengo umuntu arakwankiye ivyo umusavye. Iryo jambo nyabuna ngo woritahura nk’uwubwiwe ati “Sintahuye neza”. Ivyo biri gutyo kuko ngo n’umuntu kenshi arashobora kukubwira  ngo ” oya ” atumvise koko n’ivyo wamubajije, kubera abitewe n’ubwoba

Hari igihe akubwira ngo “oya” mu vy’ukuri afatiye kuvyo yiyumviriye we nyene,  ivyo navyo bikaba biba bivanye n’urusukirane rw’ibintu yaciyemwo, canke afatiye k’ukuntu wewe yita ibintu afatiye kuvyo yamaze gufata nk’ukuri. ( biais cognitif de confirmation)

Kenshi rero ngo aba atanze inyishu ifatiye kubiri muri we, yamara idahuye na gato n’ivyo wariko uramutahuza. Mu kiringo weho uba uzi ko ivyo umuronderera nyabuna ari ivyo mubera vyiza( Aha turiko twigishanya ugutahuza mu kiringo nawe nyene uba uzi ko umwifuriza ineza), uraheza ntuce udebukirwa namba. Ahubwo nyabuna hakumera nk’uko umengo uciye umaramara, nyabuna riko mera  nk’uwumwumviye ikigongwe c’ukubona ahomvye ivyo wagomba umufashe.

Mu kiringo umaze kubifata gutyo, ntuheza ngo umaramazwe n’ugusubira kumwegera naho zoba incuro zingana gute gushika aho azotahurira ko wamuronderera urukiza.

Wibuke, utegerezwa kuba warafashe akanya gakwiye ukiga , ukibaza ukamenya vy’ukuri ibintu yifuza.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765