Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| ”Personal Excellence”. Nta kera ka gusa!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe!

 

Ko ukomeye, ko ubwonko bwawe bugikora, ko ugishoboye kwiga , ko uzi gusoma n’ukwandika, ko ushobora kuba uzi n’igifarasa hamwe n’icongereza uko coba kingana kwose aho uri ku gahiye!

Ni ukuvuga ko ushobora kuba ikintu cose ushaka mu kiringo wofata umugambi w’ugukora ibisabwa vyose kugira ugishikeko.

Abahinga barabitohoje, basanga ngo icemezo cemeza ko umuntu yoshobora gukora ikintu, n’uko haba hari n’abandi bagishitseko. Aha iwacu birashoboka ko ivyo wipfuza atawundi yoba arabishikako, ariko iyo si motif, kuko urazi gusoma ibitabo, urafise na Internet. Za uraraba abantu banyuranye bashitse ku mataba y’imisozi miremire , maze uheze wihweze neza ico boba barabanje gukora kugira bahashike, nawe uheze ufate ingingo y’ugukora uko nyene.

Mbega bobo ko babikoze bakiri abakene badafise uburorero barabirako ko babishitseko nkeswe tweho dufise aho turabira? (Internet, televisiyo n’ibindi).

Nta kintu na kimwe ushaka kuba utoba. Ushaka kuba umuhinga mu budandaji? Fata none ibitabo utangure kubisoma, hama niwaronka uburyo urondere ishure uvyige uheze uzorabe ko mu myaka 10 utazoba uri igishirira mu kudandaza!!

Mu gitabo canditswe n’uwitwa Brian Tracy, aravuga ico yita “Earning ability”. Ni ukuvuga ko, kugira wiyumvire kuronka ikintu, wari ukwiye kubanza kwiyumvira ico vyogusaba kugira ukironke. Kenshi rero duhereza amaso mu kwidoga ngo ico bino, tugahava tukibagira ibisabwa kugira tubironke. Abasokuru barayamaze bati “Nta kera ka gusa!”. 

MURI RESTAURANT Y’UBUZIMA BARIHA IMBERE!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765