Burundikirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevu

Urwevu: Raba uko ukwiyumva ko umengo ntidushoboye bitoboshe amaguru n’amaboko

 

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobovamwo

Mu gitabo canditswe n’ uwitwa Brian Tracy citwa, “The power of self-discipline” mu kigabane yise” Self-discipline and Responsability” uwo mugabo araduha umuco woshobora kudufasha natwe gusambura imisozi iri mu mitwe yacu.

Yarihweje umuntu neza na neza araheza asanga ko abantu benshi turwaye ingwara wewe yita ” I am not good enough syndrom “. Ako rero ni kakajwi kama kavugira hariya kure muri subconscient ngo ” Nta wewe!”, aho gasa n’akaba karagushingiye uburimbi mu mutwe ugasanga hari aho wamaze kwemera mu gatimatima kawe ko utoshobora kurenga. Kumwe uza wumva abantu bavuze ngo n’ukwatsa ntiwokwatsa!

Ivyo rero ngo biva k’ukuntu , uko umuntu avuka agenda aragendera mu biganza vy’abamufasha bino na biriya. Kuva akiri muto batwara ku majanja, mw’ishure hari abajejwe indero, akuze, hari abakoresha, yubatse akavuga ngo azanye umufasha, ivyo rero bigatuma umuntu ahava akamugarira mu bintu vy’ukwibaza y’uko ataco yishoboje atabanje kuronka umuntu amufasha.

Ico gishogo ( twebwe twise igisigo) ” I am not good enough” rero ngo kiraheza, mu kugira gishobore kwiraramira atawugikomakoma, kigaca kiguma kirungika ivyiyumviro muri wewe , bikwereka y’uko ibintu vyose udashitseko bitaba bivuye kuri wewe. Kiraheza kikagushigikira mu buryo bw’ukwiyumvira, ukumva uremye koko, kikamiza hafi urutonde rw’ibintu kikwereka wewe ata ruhara ubifisemwo, nyabuna rero ugaheza ugaca wamiza hafi imyidogo widogera ibitari bike wagiriza bino na biriya ,  wiyicariye nk’uko umengo rero nyabuna ni iburyo bumwe muri bwinshi wahisemwo bwotumye ubivamwo.

Uwo mugabo Brian Tracy arerekana ko nawe yagiye gutora akenge atevye, igihe ngo umusi umwe haje iciyumviro, aca arumva ko arose umuco. Ico ciyumviro ngo ni icaje kimwibutsa y’uko mubisanzwe ingorane arimwo atawundi yazimuteye atari we nyene, kandi ko atawundi azozimukuramwo atari we nyene. Yaratahujwe y’uko hariho ivyo ategerejwe gukora ku ruhande rwiwe kugira ibintu bihinduke.

Ico gihe ngo niho yatoye akenge agasanga ubuzima bwiwe ntawundi buraba atari we nyene. Ivyo rero nivyo aheza akita ugufata ubuzima bwawe mu minwe. Ukuba responsable ya wewe nyene, ukareka ukwama wibaza ko hari uwundi muntu anezwe ivyawe kurusha uko wategerezwa kubinerwa nk’uko umengo ivy’ubuzima bwiwe wewe ntibiba bimuhanze.

Ijambo uwo mugabo Brian Tracy aduhanura gukoresha kugira ngo ico gisigo ” I am not good enough ” comoke ngo n’uko , wokugurura amaso ukaraba ivyo urimwo vyose, hama ukiha kwemera y’uko ivyo vyose vyavuye kuri wewe. Aragira ati koko sinyobewe ko hari ibidushikira bitava kuri twebwe yamara naho, urashobora gusanga ingorane iri mu buryo wakira ukanifata mu bigushikira( Stimilus -Response).

Reka, ko rituguye mu matwi tuzoze turagira ivyo aduhanuye. Ejo tukaraba hariya tukabona burya bukene buduhanze, tuze tureke kwihutira kwiha  imvo” excuses” zitwereka ko tweho twera nk’amazi ya sheregi. Nyabuna, umukenyuro tuwukorere mu mutwe, twemere twikorere imisaraba yacu ah’ukuyikorera imiyaga, twemere ko, ivyo turimwo bitugoye natwe dufisemwo uruhara.  Maze mu gihe cose twohavuye twidoga, duca tuvuga duti:        ” amakosa ni ayiwanje”. Uko niko na Brian Tracy avuga ko yakize kuko igihe cose haje ivyiyumviro bimwereka ko umengo yaratewe ngo yaca yihutira kuvuga ati ” I am responsible”.

Uko tuzoguma tubona ko ari twe biraba, niko bukebuke tuzoba turiko tunyengetereza uko kuri muri “subconscient mind” aho ca gisigo cinyegeje, maze subconscious mind niyavyakira ikavyita ukuri, ikemera vy’ukuri ko usanze ingorane ari wewe, kizoca gisohoka gitemaguza kuko Subconscious mind izoba isanze yahora igendana n’umwangushi. Bimaze kumera gutyo subconscious mind izoca iturungikira , plans n’ibindi vyiyumviro bidufasha kwibohora dufate ibintu mu minwe ah’ukureka ngo bidufate mu minwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 505