Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Rondera amahoro mu buryo bwose! Akazimiye ntaho katarondererwa!

 

Mu gitabo canditswe na RICK WARREN  yise ” PURPOSE DRIVERN” muri chapitre ya gatatu aragaruka ku bintu kenshi dusanga bituboshe biri muri twebwe nyene. Kimwe rero muri vyo ni “ukutarekurira umuntu” maze ukamugumanira inzigo. Hariho rero abantu babigize ubuhizi ukaza wumva ngo “ikibi ankoreye nzorinda mpfa ntamurekuriye”.

Abahinga rero babirabira mu buryo bw’impwemu baravyihweje basanga ngo burya uwo wase kurekurira uba umuboshe, kandi rero ntuba umuboshe wenyene, muba nyabuna mubohanye.  Hari ibintu vyinshi uheza ukaba umubujije gushikako. Mu majambo y’impwemu n’ukuvuga ko uba umubujije kuba mu nzu yiwe mu buryo bw’impwemu. Kubera wewe aca aba nk’icangazi. Ntaheza ngo agire amaragamo.( Restless spirit)

Muntu wanka kurekurira uwakugiriye nabi, mu kiringo womenya ikibi uriko uramukorera mu buryo bw’impwemu woca wikubita hasi ugafukama ugasaba imbabazi.

Kenshi rero turabona ibintu, canke tukigishwa ibintu yamara tukabifata minenerwe. Uciye urwevu ukitonda neza ukaraba uko YEZU CHRISTU yishuye igihe bamubaza uko boshobora kuza barasenga, uraheza ugasanga ko , ukurekuriranira ari ijambo yagarutseko mu gisabisho “Dawe wa Twese”. Burya mu buryo bw’impwemu nta jambo ryijana ridafise insiguro ikomeye.

Ukaba rero uzi ko hari umuntu wakoreye ikibi, yaba akizi canke atakizi, umenye ko hari ibintu vyinshi uriko urahomba kubera iryo deni ufitiye umushaha wiwe. Kumbure ugira uti ntavyo azi, aho urahumba kuko mu buryo bw’impwemu nta nzitiro zihari.

Ushobora kuba ubona uwu musi hari ibintu bikugoye, nk’ubu ukabona ukuntu woshobora kuva mu vyo urimwo ariko ukabura ingoga z’ukubivamwo. Aho ni ukuvuga ko uboshwe. Uribuka ko définition y’ukwidegemvya mu buryo bw’impwemu ari “ukuba ufise ubushobozi bw’ugushobora gukora ivyo uzi utegerezwa gukora”. La liberté c’est le pouvoir de faire ce que l’on sait devoir faire).

Mu kiringo rero ubona utagifise imisomyo y’uguhindura ibitegerezwa guhindurwa ngo utere intambwe, uraheza kandi urabe neza ko atawoba agufitiye inzigo, ishavu eka na wewe nyene uwo woba ufitiye inzigo, uwo wase kurekurira.

Mu gitabo canditswe na Joseph Murphy citwa ” The power of your subconscious mind ” aramenyesha yuko abantu bose wanka kurekurira muba musa nk’abafatanye mukanigo mu buryo bw’impwemu. Agahanura ko wofata umusi umwe ukavugira hejuru uti guhera uwu musi ndarekuriye naka kuri ibi n’ibi, uti ndamurekuye nawe arandekuye. Imigisha yiwe imuzeko kuko yidegemvya nanje nk’idegemvya. (Urazokigura canke ukirondere kuri internet)

Mu buryo bw’impwemu kandi, abahinga baravuga ko psaume 137 izogufasha mu gihe cose uzokwumva ufise ibintu vyokugora kurekurira umuntu. Eka mbere iyo psaume izogufasha mu nzira zibiri. Uretse ko wewe nyene uzokira iyo nzigo ufise mu mutima, uzosanga kandi mu buryo budasiguritse umuntu nawe yoba agufitiye inzigo nawe aheza agaca agira inyifato bikugaragariza vy’ukuri ko yakurekuriye.

Gutyo muzoheza muce mufatana inzira iva Babyloni muduka iwabo w’amahoro hariya i Jerusalem.

Ibi kandi vyofasha na canecane abubatse kuko kenshi ushobora gusanga umwansi yarabinjiyemwo bamwe bagasigara babana bwa gufata rya poze  ryitwa “niko zubakwa” kandi mu mitima barasinzikaye.

Za urayivuga iyo psaume , canke uze uratora ikaramu uyandika ku rupapuro , ugumizeko maze uzoheza ushinge intahe ni hagira igihinduka.  Uzogenda urabona umuco uza urashororonga bukebuke uva muri yo mu kiringo yamaze kunyengetera muri subconscient.

AKAZIMIYE NTAHO KATARONDERERWA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765