Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Succès|Mu rurimi rw’ ikirundi harimwo imvugo y’Imana. Raba uko woyikoresha!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe!

Mu kiringo rero umaze gufata ingingo ikijana ku masonga, utegerezwa kwiha ibintu utegerezwa gucako kurya kw’ingazi kugira ushike kw’ihangiro( Objectif). Objectifs z’ubuzima nazo ni nyinshi.

Dufate akarorero ko uno musi uri umwalimu, yamara ugafata ingingo y’uko mu myaka 5 uzoba uri Umudandaza akomeye rurangiranwa. Mu kiringo umaze kwiha iryo hangiro , intambara mu buryo bw’ibishobisho iraheza rero ikaba itanguye. Naho weho ugikoresha ubwenge uba wabona ko bishoboka, mu buryo bw’impwemu hariya muri subconscient hama hinyegejeyo ibintu vyakuganguranye, vyaganje subconscient nayo igahava ikavyakira nk’amahanga.

Muri wewe rero , haba hari ibishobisho kenshi bica bivyuka kuza birahakana ko ushika kw’ihangiro. Ivyo bishobisho( Emotions) narihweje nca nsanga mbere nobigereranya n’ivyo iyo hiyo ruguru iwacu nahora numva abantu bavuga ngo ni “ibinyamubiri”. Muri nya “Binyamubiri” rero nahora numva bavuga ngo hari ubwoko bubiri: ” Abavyeyi” hamwe n'”abaganza”.

Ubirabiye mu buryo bw’impwemu, uraheza ugasanga rero ni intambara zibera mu mpwemu. Ibishobisho vy’abavyeyi umuntu yogomba agaca abigereranya n’ibishobisho biza kugushigikira ivyo navyo akaba ari ibiza gutuma ugira ukwemera( la foi). Ivyo vy’abaganza navyo umuntu yovyita ko nyabuna ari ibiza kugutera amakenga, bikaza biravugira mu bwongoshwa ” ngo eka nta wewe”.

Benshi rero barateba bakaganzwa. Umuntu akabona ivyo yokora kugira ashike kuri kino canke kiriya maze yamara bikanka kabisa!! Umuntu agatangura ikivi agacira hagati. Hakama haba ibintu bimurwanya.

Ivyo bishobisho rero bigira amamuko mu rusukirane rw’ibintu vyose waciyemwo. Kumbure kera ntihabuze uwakubwiye ati “wewe nta rudandaza woshobora” nawe uca ubifata uko nyene. Ico gica giheza kikakubera ikintu amahanga mu buryo bw’impwemu. Ico wewe nyene winyemereye  ugenda uragishigikiza ibishobisho bindi utabizi gushika aho  kikubera amahanga.

Ururimi rw’ikirundi mbere muravye musanga ari imvugo y’Imana. Mu kirundi ivyo binyamubiri hiyo iwacu bavyita ” Amashinga”. Iryo jambo amashinga kandi rirafise isano n’ijambo ” amahanga”. Aha mwoca mwibuka ururirimbo ruhayagiza Igihugu cacu ko bavuga bati ” Shinga icumu mu mashinga”.

Amashinga rero niyo mahanga. Amahanga nayo ni ijambo kandi rikoreshwa mu kuvuga ” ibihugu”.  Iryo jambo kandi “amahanga” rirafise insiguro y’ukuvuga ikintu kinini cane. Ukumva abantu bavuga ngo ” cari ikibuye amahanga”. Hariho n’ijambo ” amakungu” kandi. Hanyuma kandi ukaza wumva umuntu w’umubisha abantu bavuze ngo ni ” Umukungu”!

Bimwe rero iyo ruguru abantu bavuga ngo barwaye amashinga, woca umengo bari bafise amahanga muri bo( nations).

Ukubitiye muri bibiriya ukaraba nka Psaume ya 2, urabona ko Umwami David yariko aravuga ati ” Abanyamahanga ni igiki kibateye umudugararo” ( Pourquoi ce tumulte parmi les nations, ces vaines pensées parmi les peuples).  

Naho abahinga muri kahise boza bakatumenyesha ko vy’ukuri umwami Dawuidi yariko aravuga ” Abanyamahanga” nk’uko dusanzwe tukizi nta cobuza ko jeho nguma nemeza ko iyo nyabuna ari imvugo yo mu ntambara zibera mu buryo bw’impwemu.

Umuntu rero arafise ibishobisho ( ibinyamubiri) bimukandamiza bikanga kwemera amavuta y’iteka yatewe n’Imana( l’oint, le christ, inner man, higher self) bikanka ko agaragara mw’ishusho ry’Imana ishobora vyose kugira yoye kugira inzitizi).

Muri wewe mubisanzwe harimwo inguvu z’uko atakintu nakimwe utoshoboye kugira. Inzitizi ziri muri wewe nyene. Ivyo waciyemwo mu gihe waza aha kw’isi nivyo vyaguteye ibikuganza bivanye n’ivyo waciyemwo. Kumbure mbere hiyongerako n’urundi ruhojojo rufatanganye n’ivyo abasokuru bakoze.

Kubera ivyo binyamubiri, ayo mahanga yatuganje, kenshi turaheza tugaca twemera gutsindwa tutanarwanye, umuntu akazohereza gusazira kurerura abandi nk’ifarasi, nabo bakaza baramuhereza utwo ukugura akunyu ( Salaire -salary- salt money) , agaheza agaca yiyubakira ku mugongo ikintu citwa ” excuses” kimeze nk’inkinzo y’igifyera , agakomye kose aho yodugije umutwe ngo arondere gushika ku masonga agaheza nyabuna agaca agatwe akanyegeze ngo ” uw’agatwe gato agarinda uruguma”.

Ubirabiye mu buryo bw’impwemu, na narirya akazimiye ataho katarondererwa, ntacobuza ko rero bugingo weho woba warariye amenyo ukiyemeza ko uzoshika kuri objectif iyi canke iriya, woheza ukaza urakoresha ayo majambo umwami Dawidi yakoresheje mu ntambara yariko agira ku nzira ija i Yerusalemu mu gihugu c’amahoro. Iyo zaburi ya kabiri woyikoresha maze ayo majambo avuga ukumva ko uriko urayabwira ibintu biri muri wewe , kandi biriko birakumva naho utoba uvyumva kuko biba vyaramaze kwigobeka hariya muri subconscient aho iba yaravyakiriye vyaratsimbataye nk’ivyami, vyubashwe nk’uko umengo ntawobikomakoma.

Ukazoza urayakoresha werekeza k’ukuba ariko widogera ibintu bikubuza gushika ku masonga, uzotangara! Uzoza uza urabona bukebuke ibintu bihinduka, ugatangura kuronka ” Courage” y’ukubandanya. Burya ikikubuza kuja ku masonga n’uko mu nya binyamubiri hama hari impari, bimwe ngo yobishobora, ibindi ngo ” eka da”!

BURE GUCE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765