BurundikirundiUrwevu

Urwevu: Twese hamwe na canecane Urwaruka, twijukire umwuga w’ukudandaza.

.

Ibihugu vyose vyateye imbere, vyatejwe imbere n’abahinga mu budandaji. Iyo abantu bumvise ibijanye n’ukudandaza baraheza benshi tugaca twibaza ngo ni igikorwa c’uwutagiye mw’ishure.

Ivyo bitegerezwa guhinduka. Twese ntituzoba aba nya bureau. Reka kwishiramwo ngo jewe nize bino canke biriya. Uwu musi nyene , uhereye kuvyo urimwo ushoboye gufata ingingo y’ukurondera inyigisho z’ukumenya ubuhinga bw’ukudandaza.

Ukudandaza ni ubuhinga, ni umwuga. Ukumenya ukudandaza bizogufasha ibintu vyinshi. Bizokwigisha kuganira n’abantu, bizogufasha gushira ubwona ( timidité) eka ni umwuga uzogufasha kuba umuntu azoba ashobouye n’ugukora ibintu vyinshi.

Na canecane mwebwe Rwaruka, nimwijukire kwiga ibijanye n’ukudandaza. Bizogombe bibafate ikiringo kirekire yamara mpaka muze mube abahinga mu kudandaza. Niho muzoheza mukabaho ubuzima bw’ubwigenge.

Ni mureke gusinzirira ku ma Ligala ngo murindiriye ubuzi bwa Leta. Fata ingingo ubu nyene , y’uko mu myaka itanu uzoba uri igihangange mu kudandaza. Fata ingingo y’uko ugiye gufata igihe kinini wigora uno musi kugira ngo uzobe uri igihangange mu myaka itanu.

Ige indimi na canecane icongereza kuko murabona ko dukikijwe n’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza. Nta Excuse nimwe ufise uwumusi y’ukuba utavuga icongereza.

Haguruke mwige, amashure ntiyigera ahera. Umwe wese uko angana kose, ahaguruke yige na canecane ubuhinga bw’ukudandaza kugira mu myaka iza ihanga ry’Uburundi rizobe ari ca gihugu c’amata n’ubuki.

Imana yaremye amatungo ngo abe ayacu. Ariko amatungo ntazogusanga aho wicaye. Ingorane zose zivurwa mu gihugu cacu, eka no muri Afrika muri Rusangi, ntimugire ngo ni ikindi kibitera atari ikintu kimwe. UBUKENE.

None si ba SOKURU bayamaze ngo ” Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo”. Uko agakate rusangi tuzoguma tugafyuriye amaso twese, tuzokwama turondera kumashana , umwe wese ngo atarukire ku meza.

Utangure urondere ibitabo vyinshi biruzuye  bivuga ubuhinga bw’ukudandaza. Ukama hoho ushobora gutahura ururimi rw’icongereza uzotora  ibitabo vyinshi vyanditswe n’abahinga mu budandaji. Ushobora kurondera igitabo citwa ‘ THE PSYCHOLOGY OF SELLING” canditswe n’uwitwa BRIAN TRACY eka mbere ukazoca uheza ukarondera n’ibindi bitabo nyene yanditse kuko yanditse vyinhi.

Ikindi gitabo gishobora kugufasha ni igitabo canditswe na ZIG ZIGLAR citwa” THE SECRETS OF CLOSING THE SALE”.

KO UBURUNDI BWOBA MU BIHUGU BIKENYE KW’ISI NTA EXCUSE KUKO ABARUNDI TURI INCABWENGE( Esprit d’Excellence). Ni uguhindura gusa mindset

What's your reaction?

Related Posts

1 of 502