Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Twese turi abadandaza b’ibintu binyuranye. Menya uko uri budandaze!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga babizoberereyemwo basanga burya ngo umuntu wese ari umudandaza. Kenshi iyo bavuze ukudandaza abantu benshi duca tubona ibigurwa hamwe n’amafaranga. Yamara uvyihweje mu buzima bwa misi yose, umwe wese aba afise ikintu ashaka ko abandi bokwemera mu ntumbero y’ukumurosa ico yivuza. Uwambara agahuzu akikwiza, aba ashaka ko bamuhemba mu kumushima. Uwukora neza akazi, aba ashaka ko bamushima bakazonamwongera. Uwuriko  afata akanya ahagaze imbere y’icirori yimonora aba ashaka ko abantu bashima isanamu yiwe maze gutyo ibikurikira bigakurikira. Naje ndiko ndandika bino nshaka ko mwobishima mukazoguma munabizosoma maze gutyo nkazoheza nkaba mpembwe kwumva noba umwe mu batumye muca urwevu! Umupfasoni canke umushingantahe yigenjeje kuno canke kuriya mu rugo yubatse aba ariko arashora inyifato mu ntumbero y’uko ahembwa urugo ruhangamye…

Koko rero twese turi abadandaza kandi tukaba n’abaguzi. Twese turi kw”isoko ry’ubuzima kandi ikidandazwa nyamukuru dufise ni inyifato.

Mu gitabo canditswe n’uwitwa Brian Tracy, citwa ” The psychology of selling” aragaruka rero ku nyifato umudandaza wese ategerezwa kugira kugirango ibidandazwa vyiwe bigurwe.  Ikintu c’ibanze rero aherako mu kuguhanura, akumenyesha yuko burya abantu bafise ibintu vyinshi binyuranye bituma bakunda canke ntibakunde  ibidandazwa vyawe. Ico rero ngo womenya, n’uko abantu bagura ivyo udandaza kubera imvo zivuye muri bo nyene, zishobora kuba ataho zihuriye na gato n’ivyo wewe wibaza vyotuma abantu bagura ivyo udandazwa.

Niho aguhanura ati, umuhinga w’ukudandaza, ategerezwa gufata akanya gakwiye akiga ivyo abo yifuza ko bamubera abaguzi  bashaka. Ati utegerezwa gufata umwanya ukwiye, ukabaza ibibazo bishoboka vyose kugirango maze uheze umenye neza na neza ico abaguzi bashaka maze rero umaze kubimenya, uce ukora ibishoboka vyose ugerageza kurondera gushika  ku nyota y’ivyo bifuza. Gutyo ngo uzoheza usange baguma bakurondera kuko uzoba wabavuye aho barwaye.

Abahinga basanga ingingo dufata zose mu bisanzwe zifise imizi mu bishobisho vyacu, maze tukaza gukoresha ubwonko nyuma kugira tubishigikire. Umuhinga rero ni uwuzi nyabuna kunyingisha ibishobisho vy’abantu , akamenya uko bihagaza maze agaheza akamenya umuti ari buvugute. Nayo ahandi hoho uzohava urondera kuvura inyonko uwazinzwe n’intuntu!

 

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765