Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevu

#Urwevu| Uburyo bw’uguhwamika ibinyamubiri (émotions négatives) biguhanze

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Mu gitabo canditswe n’uwitwa Joseph Murphy, citwa ” The power of your subconscious mind”, arerekana ibitari bike vyerekana neza ko hari ibintu vyinshi dukwiye kumenya bidahuye cane n’ivyo twigishijwe kandi tubandanya twigishwa.

Aragaruka rero ku bijanye n’inkomezi ziri aho mu bwonko bwawe. Arerekana ko, nkuko twama tubivuga musanzwe mu bizi, yuko, ubwonko bwawe bugizwe n’ibisata bibiri bikomeyekomeye. Kimwe ni igihimba gikoreshwa n’ubwenge bwacu, iki naco akaba ari iki kidutuma tugira ibintu bivanye n’ubushake bwacu.

Ikindi gihande rero arico subconscient nico gikoreshwa n’ibi bindi biriko birabera muri wewe utazi n’inambu yavyo. Mbere n’akakurwaye ukajana kwa Muganga ngo akurabire kuko nawewe nyenevyo utazi ibiriko biraba. Urazi igitigu cawe ivyo kirimwo ubu? Umutima n’ibindi? Ivyo vyose rero biriko bikoreshwa n’ico gihimba citwa subconscient.

Muri ico gihimba subconscient rero harimwo agahande bita “Intelligence infinie” ako rero niko gakorana n’Imana rugira vyose. Ako niko ugize amasengesho gaheza kagatanga rapport maze ukabona ibisubizo.

Ako gahande rero koko abahinga bamenyesha ko ata sentiment gafise. Koko gahagarara hariya, kakaraba ivyiyumviro vyawe, kakaraba ibishobisho vyawe maze kagaheza kakabishikiriza Rugira vyose ukwo nyene, mu buhinga buhambaye bw’amasanamu.

Karaheza rero kakagira icegeranyo k’ivyo kabonye gakoresheje amasanamu ahinguye mu bwenge bwinshi, ari birya uheza ukabona mu ndoto, ntunamenye ivyarivyo kuko birya kenshi bisigura ibidahuye n’ivyo ubona.

Tutarinze kurandira rero, kugira ngo wewe ugire amahoro mu mutima, ugire ituze kandi utunganirwe ngo ni ukuronder uko umenyesha ako gahimba( intelligence infinie kari muri subconscient) yuko wewe ata bwoba ufise. Ukakabwira amajambo y’ukwizeza , atagiramwo amadidane.

Mbere igikomeye wokabwira n’uko wewe wizeye izindi nguvu zirenze ubushobozi bwawe, ko rero ataco winona namba kuko vyose bikora Imana.

Nk’uko tubisanga rero mu bitari bike uwo Joseph Murphy ahanura, aravuga ko hari Psaumes zikomeye zishobora kugufasha muri iyo nzira y’uguhumuriza ako gahande.

Aragaruka cane kuri psaume ya 23, iyo nayo ikaba ari iyiza kwemeza ko wewe ataco winona, ko uri mu biganza vy’Imana yoyo mwungere wawe. Aho uba ugize rero ico bita lâcher prise. N’ukuvuga ko uba uriko uravuga uti ubwonko bwawe bwoye n’ukumeneka bwiruhisha kubera ko Umwungere wawe vyose abibona, kuko ariko aragutumbereza mu kibanza c’amazi adasuma, ahantu hatekanye.

Iyo Psaume rero ukazoza urayisubiramwo incuro nyinshi , ako gahande ( Intelligence infinie du Subconscient) kazoteba kavyemere ko koko ataco winona, maze vya binyamubiri ( Emotions négatives) vyose wahora wama wumva umengo biraguhanze bikakubuza agatiro uzoba ubihebuje, ubikuriye inkoni ku gishitsi ko uri mu minwe y’Igihangange ataco winona.

Hazoteba hagera rero aho, ico wiyumviriye cose kiguhanze, haca hitanganiza iciyumviro ngo” Uri mu minwe y’Uhoraho”.

Wibuke, ko, ikitubuza gushika ku masonga, ari ukugira umutima udatekanye. Rwanira amahoro mu mutima!

CE URWEVU

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765