BurundikirundiUrwevu

Urwevu: Uburyo bw’ukwiyamiriza igisigo ca sasita ( démon de midi)

Ico rero abazungu bise “démon de midi” ngo n’  urufatangane rw’ibishobisha biza mu muntu mu kiringo yeregereje imyaka 50. Yamara rero ico c’imyaka ntibagihurizako kuko hari abavuga ko kiza nyabuna bugingo umuntu umuntu agiye gushikana imyaka 40. Uri aho vyiswe ”retour d’âge” canke ngo ” quarantaine”.

 

Ico rero bacise igisigo ca sasita bafatiye kurya , igihe sasita igeze rica riheza kugenda amamanuka, nk’irija kurenga nyene.

Iyo rero umuntu ngo ageze muri iyo myaka, biraheza bigaca bimusera nk’uko ahejeje kurangiza ikiringo kimwe c’ubuzima bwiwe, maze gutyo agaheza ngo agatangura gusubiza amaso inyuma yihweza uko yabayeho koko ko vyari bihuye n’uko yavyifuje.

Ngo ni muri ico gihe rero , mu kiringo icegeranyo kimweretse ko yari yaranizwe , ngo aca aheza agatangura kugira inyifato isa nk’ukwibohora, ukwidagadura. Ivyo bishobisho rero nivyo bica bimera nk’ibimucishije akenge, nk’uko umengo bimubariye bit: eh, erega umwanya uraguheranye kuri ino si ukiboshe.

Yamara rero , izo nyifato nko ntizigira ubukari kumwe kuri bose, bivanye n’uko umwe wese yisanze.

Hari rero abaheza , guhera aho nyene bagaca batangura kugira inyifato y’ugutera akagere ivyo vyose vyari vyubaze ukwemera kwiwe, maze agatangura kugira inyifato zindi wewe yibaza ngo nirwo rukiza, canke makiriro. Bica bimera nka bimwe bivurwa muri Bibiliya aho Shetani yaje nk’iyije gucisha akenge, abari ataco bari babaye.

Gutyo rero, hari abaca batangura kwibaza y’uko vy’ukuri n’iyo Mana yoba ibaho abandi nabo bagatangura kugira inyifato iyoberanije ( confusion) kuko baba base kuba ico bari( ico babaye) bagashaka kuba ico batari, maze gutyo bagahava bahereza mu nyifato zitera agahomerabunwa.

Eka mbere ngo ni kumpande zose kuko aho ico gisigo cinjiye  inyana ziheza zigacagagura ibiziriko mu kiringo habonetse agohumbezi zikingamwo, kuko muri kakarima ko mu kigoga , ahateye umuzabibu haba hagendewe n’inzoka.

Niho hava zino naziriya ngeso z’aho usanga abofashije imitavu gukura baheza bakayihindukirira n’ibibezi bakayibagaru eeh mama ngo barondeye kurya ibicoroshe. Izari kuragirwa mu bwatsi buremvye zigashorwa ahari amazi adasuma nyabuna zikagobwa.

Akabi ntigasiga akandi kuko bugingo ngo umuntu atewe n’iyo miyaga araheza kandi ugasanga ngo afise ubunebwe; ubunebwe bw’ugukora ivyo yategerezwa. Ubwo rero ni ubunebwe bukomeye mu buryo bw’impwemu  kuko abahinga babitohoje neza basanze ko ikinebwe atari umuntu adakora ikintu na kimwe, ahubwo ni umuntu adakora ikintu na kimwe atishakiye. Ivyo biri uko kuko ushobora gusanga umuntu atigera yicara yamara atanakimwe mu vyo yategerezwa gukora yakoze.

Muti twivune gute?

Naho utoba uri muri iyo myaka ivurwa yamara ukaba wumva agatima kaguma karebangana k’ugukora ivyo uzi bibujijwe n’ukuvuga ko hari impwemu koko zigomba kuguta mu rudubi kuko ivyo ugira ubu, bizogukurikirana ubuzima bwawe kuko ntuzovyibagira kandi hazogera igihe usanga iyo biba vyashoboka ko ubihanagura muri kahise kawe woca ubikora.

Kuko rero intambara z’impwemu zirwanirwa mu mpwemu nyene, heza ufate ingingo y’ukuza uravuga PSAUMES 6 na 9, uzozirikane umenya ko uriko urwanya ico cose kiri mu buzima bwawe cohava kigutera gukora , ivyo wokwita vyiza uwu musi , yamara utazoba wishimiye muri kazoza.

N.B Ni vyiza ko ubanza gusoma ano majambo agize psaumes  maze rero ugaheza ugakurikiza isengesho ryawe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 502