Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Ugasanga waratanguye urugendo, aho warashitse ni uko nyene!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga baciye urwevu imbere yacu bamenyesha ko igihambaye burya atari icamwa. Igihambaye nyabuna ni urugemwe. Intango niyo ihambaye.  Mu gihe rero abahinga bariko bararondera insiguro itomoye y’ugushika ku masonga( Succès) biraboneko benshi batagiye barabibona kumwe.

Mu gitabo, uwitwa Brian Tracy yanditse citwa ” The power of self-discipline” araheza agatanga définition ya succès nk’uko umuntu ngo aba ashitse ahantu afise ukubaho ubuzima nk’uko abwifuza, agakora ivyo we nyene yifuje gukora, agahitamwo we nyene abo bakorana n’aho abikorera bivanye n’ubushake bwiwe”.

Kuri uwo Brian Tracy rero, kugira witwe ko washitse ku masonga, bisaba ko uba ushitse aho, wigenga , ukishira ukizana atawukuri ku gakanu.

Yamara, abandi bahinga, bahavuye babibona ukundi. Mu gitabo canditswe n’uwitwa Herbert Harris” The 12 Universal laws of success”, wewe aratanga umuco, mu bijanye n’uko abatari bake babona succès. Kuri we rero, abona ko, vy’ukuri, ugufata succès nk’amatunga, ngo nivyo, yamara ngaho rero ngo uba utanze insiguro ( définition) ya succès ufatiye kuho ugeza amaso, canke ku bigaragara.( Aspect phyisique de la définition du succès).

Nayo rero ngo ku buryo bw’impwemu, nyabuna,ngo umuntu yofata ko yashitse ku masonga mu kiringo aza amaze kumenya iyo aja, hama buri musi akaba azi ko ariko aratera intambwe yerekezayo.

Ivyo kandi babibona kumwe n’uwitwa John C. Maxwell mu gitabo yanditse ” Your  Roadmap of your success”.Kuri John C, maxwell, ngo succès nyabuna ni ” Ukuba umaze kumenya ico wifuza gushikako muri kazoza, maze ukaba waratanguye kwama urondera gukura.

Ugasanga rero, umaze kuba ufise ihangiro rigaragara ry’iyo wifuza gushika muri kazoza. Mu myaka hagati ya 7 na 10, nimba umutima wawe waramaze kwemera iyo sanamu udahigima; nimba umaze kuza uribona uko uzoba umeze naho utoba urabona isanamu yose, aho rero urahiriwe, kuko warashitse. Nimba wibona isanamu n’ukuvuga ko mu buryo bw’impwemu ariyo uza uri. Igisigaye n’uko buri musi, dogiri dogiri, wamizako, ukiha isaha canke zibiri, umusi nturenge ataco ukoze kijanye n’ivyo ushaka kuzoba uri. Naho wosoma igitabo kijanye navyo , ako kose karaheza kakajayo. Nayo ka gahande subconsient kari mu mutwe ni kabona ushishikaye, kazoheza mbere gahave kaza karakwibutsa, wibagiye, uhave usanga ukuja ku masonga vyahindutse uburyo bwawe bw’ukubaho.

Mu myaka itanu, abo mugendana canke mukorana bazokwumva uvuga ibintu birimwo ubwenge bahungure amatwi. Umukoresha wawe muzokoranya inama maze ufashe ijambo aheze aze yumva ko uvugana utadidinganya nk’uwuvuga ivyo azi, gatoya wumve ngo bakugize gutya. Abantu bazokwibaza kumbe ntibamenye ko, mu kiringo baba bicaye harya kwa GITI n’ICUPA weho wariko wisomera ibitabo!

CE URWEVU, CANNE CANE URWARUKA! UKABA URIKO UTAMBUKA KURI RUNO RUGENDO RW’UBUZIMA UTAZI ICO UZOBA URI EJO. WEHO URIKO URAYEBAYEBA! N’ukuri n’ukuri ndabikubwiye, impera yawe izoba iyo nyene!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765