BurundihomepagekirundiUrwevuyouth

#Urwevu| Uhora usaba nturonke? Usaba nabi! Raba igituma.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Uhora usaba nturonke? Usaba nabi!

Abahinga bize imibereheyo y’abantu basanze burya buri muntu wese ngo afise ibintu aba akeneye, Mu kiringo rero weho ushinze amaso kuvyo umukeneyeko ubona afise, burya nawe aba ashinze amaso kuvyo akeneye nyabuna adafise, Kandi rero birya aba akeneye nawe ntavyo uba uzi, eka mbere nawe nyene hari igihe ataba abizi koko na narirya bivurwa ko abantu berenga ibce 90/100 ngo tutazi n’ivyo dushaka vy’ukuri,

Ubuhinga rero nya buhinga  bw’ugusaba nyabuna abahinga bakumenyesha ko wokwihutira kumenya ivyo naka ashaka, Fata akanya gakwiye, ukoreshe ubwenge bukwiye Imana yaguhaye maze wige , usubire wige ivyo uwo muntu yoba yifuza, Urashobora gufatira ku vyo abantu bifuza muri rusangi ariko naho ni ukuhitondera kubera abantu ntabwo turemye kumwe.

Mu kiringo rero umaze gukora ivyo ukora vyose maze ukumva ko ushobora kuba wamenye ivyo ashaka, uraheza mu kumuganiriza canke no mu nyifato zinyuranye, mu bwenge,  umwereke yuko mu kiringo yokurosa ivyo ushaka yoheza akaronka ivyo ashaka,

Ubwa mbere birashobora kwanka, yamara woheza ugakoresha ukutadebukirwa gushika aho bigenda neza, Yamara uhagabire! Ivyo ugira vyose ntuhirahire ngo abone ko usotera kumuronderako ibintu.

. Umugwizatunga yitwa ZIG ZIGLAR wo muri Leta zunz’ubumwe niwe yamenyesheje ko “ uzoronka ivyo wifuza vyose mukiringo uzofasha bandi kuronka ivyo bifuza

Umuhinga w’ukubaho abigenza ntya: Mu gihe abantu bose biyumvira ibibagoye, we arafata akanya agaheza akiyumvira ibibagoye hejuru yukwiyumvira ‘ibimugoye. Ukabigenza ntyo, uzokworoherwa.

IMINWE IRYOHA INYURANYE!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765