homepagekirundisocieteUrwevu

#Urwevu| Ukaba witeze ko ineza yiturwa iyindi uzohacumukurira

 

Ibikomere vyinshi biri mu mutima yabantu biva kungene bama bazi ko iyo ugize umutima w’urukundo nawe unsubirizwa mu nkoko uwundi, Oya nagato suko biri.

 

Nta hantu na hamwe handitswe ko iyo ukoze igikorwa ciza yaba icurukundo cangwa ikindi ciza, uca ushimirwa canke ngo ukundwe.

 

Nyimba witeze gushimirwa canke gukundwa uzoharuhira cane kandi uzogira ibikomere vyinshi bizokugora kuvura.

Ushobora gufasha umuntu kuva ku ncuro imwe gushika kw’icumi, wahagarika kw’incuro ya 11 wahagarika agaca yibagira za 10 zose, niko tumeze ntibikagukomeretse.

 

Tahura ko abantu turi intashima, dushira inguvu mu gukora ikibi gusumba iciza, aho uzoba wirinze ibikomere vyo ku mutima wawe.

Ntuze wigere ukora iciza witeze ko abantu tugushima, oya namba Kora iciza nkumuco wawe, ukore iciza mu guhimbara Imana ya kuremye.

Ni wigira inama ko abantu bashobora kugukimeretsa ariko wewe ko udashobora gumeretsa numwe bizogufasha cane kwirinda  ibikomere mu mutima wawe,

Umvira imbabazi kandi utahure inkozi z ikibi kuko nico conyene zishoboye nawe bizogutuma wamana amahoro mu mutima wawe kandi utifuza gukorera na rimwe inabi uwundi.

Mu kurangiza twoca urwevu turabiye ku baganga; umugaga iyo ariko arafasha umuvyeyi kwibaruka, hari igihe akubitwa, agacibwako n’amate , birashika naho akomeretswa canke akaribwa amenyo ariko ntahagarika gufasha uwo muvyeyi, kuko we ico aharura arico ashoboye kumufasha kandi akanabona ububare afise.

Aca hakora ububabare bwuwo muvyeyi atitayeho ivyo ariko akamukorera mpaka amushikanye ku munezero.

Nguko ukwo twari dukwiye kwihanganira abashaka kudukomeretsa kugira twirinde ibikimere vyo mu mutima

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757