BurundikirundiUrwevu

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n’ivyabaye nk’uruzi rwasebuye, maze ibihimba vyinshi vyo mlu bwonko navyo bigaca biba nk’ivyatwawe n’uruzi.

Abahinga nk’uko twabibonye babivuga, n’uko, umuntu ikimuha agateka, ubuntu ( La dignité) ari aka gahande afise rero kamutandukanya n’ibindi biremwa, n’ukuvuga , ubushobozi afise bw’ukumenya ico ari, ivyo akora canke avuga . Ivyo rero bimugize umuntu ninavyo bimufasha kumenya igituma ariko arakora ivyo ariko arakora umwanya wose.

Ukumenye ivyo ariko arakora n’igituma ariko arabikora n’uko aba afise inkingi  yishimikiza( principes) nazo nk’uko twazibonye zikaba ziba zivuye k’uko we nyene abona ibintu ;uko kubona ibintu nakwo kukaba gukomoka mu ruhojojo rw’ivyamugize uko yahavuye yisanga.

Kubera rero mbere n’urwo ruhojojo rw’ivyamugize ico yahavuye asanga yarabaye atawogira ngo vyose vyera ngo de! araheza mu rusukirane rw’ibintu biza kumubera inkingi harimwo n’ivyo aba ategekwa n’amategeko, kuko kanatsinda ataworeka ngo umwe wese yigenze nk’ukwo avyumva , bimwe ba Sokuru bita ‘ ukwigenza nk’impene zo muci.

Tukiri aho nyene ( ukwigenza uko ushaka), niho twoshobora guca twihweza umuntu yasomye inzoga maze akagera ku rugera abantu bavuga ko yaborewe aba asigaye yigenza.

Koko, n’uwogira ngo abantu bose baborewe bigenza kumwe ntiyobura kuba asakuje! Ariko ico twohurirako n’uko uheza ugasanga umuntu yahindutse maze akarinduka ivyo atahora arinduka iyo ari muzima. Aha n’uwogomba rero agafatira no ku mvugo, ntaje mu ngiro.

Ukwo kwubahuka rero kuza kubera akayoga kuva ku mvo y’uko , inzitizi z’aho abitse amatungo yiwe ( ses trésors, ses valeurs) ziba zanyengeterewe , zitagerwa n’akayoga , maze bukebuke zikagenda ziramusiga ku kangaratete. Zingenda ziramufukura bukebuke kurya kw’imbeba iguguna ihuha, maze bukebuke agahava asanga n’utwo yari yibikiye aruhiye kudushira ku mugaragaro ( Akari mu nda y’umugabo gakurwayo n’akari munda y’umubindi) , ahagutse, , bigasa nk’uko amatungo yiwe ( ses valeurs ) yose ateba akaja ku mugaragaro kurya k’ubumera ku mbiga,  aho ibinyoni vyigenza bishoboye guca  binobagura vyorohewe  kuko ata misomyo uba ugisigaranye y’ukuvyivuna worohewe.

Besnhi rero, n’aho atari bose, kenshi barisanga basheshe agatabi batosheshe kubera inzitiro z’ahari amatunga yabo( valeurs morales) ziba zahitawe n’isegenya y’ibihuhusi biba biriko bisasika inganda zo mu bwonko.

Ntivyoba bitagira mvura, mu gihe n’uwoba agisoma inzoga yovuga , mu buryo buteruye y’uko inyifato y’akaborerwe ari ukwiyambura agahuzu ” ubuntu”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501