BurundihomepagekirundiUrwevuyouth

#Urwevu| Ukwiha Disipiline niyo nzira izogushikana ku masonga gusa

 

Mu gitabo canditswe n’umwanditsi akaba n’umurwizatunga akomeye yitwa Brian Tracy wo muri Amerika, citwa ” The power of self-discipline“akumenyesha ko ugutera imbere mu bisanzwe kitari ikintu kigoye na gato. Avuga ati mu kiringo umaze kumenya uko abandi bateye imbere mu butunzi, ngo woheza rero nyabuna ugaca wihweza neza uko babigenjeje nawe ugaheza ukiha indero y’ukugira uko nyene. Akubarira ati, ukubona naka yarashoboye gushika kuri kino canke kiriya vyerekana ko ico kintu gishoboka. Mu kiringo rero wamaze kubona ko gishoboka ngo nta nkeka ko nawe woshobora kugishikako mu kiringo woca mu makanda yiwe maze nawe ukagira uko yagize.

Aho bikomereye rero kandi bigoreye ngo ni aho nyene. Uwo mwanditsi agira ati mu bisanzwe ibintu bitunanira kandi twari tuzi uko twobishikako. Avuga ati mbere bisa nk’ibitangaje kubona umuntu ananirwa gushika iyo ashaka kandi azi inzira. Ariko araheza akagwa akagaruka, akerekana igituma ngo biduta ku w’amazi.

Imvo ngo si iyindi. Ngo ni ukubura disipiline. Amenyesha ko ikitugora ari ukwiha disipiline. Ukwiha discipline rero araheza akabisobanura gutya. “Ukwiha disipiline ngo ni ukuba ufise ubushobozi bw’ugushobora gukora ivyo utegerezwa gukora, igihe nyene utegererejwe kubikora, waba wumva ubishaka canke utabishaka”

Umekenyuro rero ubereye aho nyene. Kenshi turazi ivyo twokora yamara tukanka kubikora kuko tutavyiyumvamwo, maze tugaheza tukama twama twatunanye ” Ivyitazwo” ( excuses) ,eh mama ngo ibirago biranyerera. Mu nzira y’ugushika ku masonga bariha imbere.

FATA INGINGO Y’UKUMENYA ISONGA USHAKA GUSHIKAKO. UHEZA WIHE INTEGO Y’UKUMENYA UKO URI BUHASHIKE. MAZE UFATE INGIGO Y’UGUKORA IBISABWA GUSHIKA UHASHITSE. CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765