BurundiCour anti-corruptionhomepageIgice ca mbere 2019Ivyaranguwekirundipersonal developmentSpirituality and progressTestosteroneUrwevuyouth

#Urwevu| Ukwiyemera niyo ntango y’ugushika kure. Raba impanuro hano

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Impanuro twaheruka guhanahana zari iz’uko wokora ibishoboka ukarondera ibishobisho ( émotions) biza gushigikira ico wifuza gushikako muri kazoza. Ivyo navyo ukabikora ukoresheje kwandika misi yose urutonde rw’ivyiza  n’umunezero bishika nka 20 ubona woheza ugashikako mu kiringo wohashika kuri iryo hangiro( Vision)”

N’ubu tugaruka kubijanye n’akamaro k’ivyiyumviro vyawe, ibintu utegerezwa kumenya kugirango ushobora kuvyura inguvu zawe zose uzitumbereze kuco wewe wifuza gushikako.

Abahinga bakubwira ko isanamu wewe wiha ari nk’agakarabo maze ibijanye n’ubuzima bwawe vyose bicamwo. Ugasanga isanamu yawe wiha ifise ishingiro ku bwoba, ubukene, ukwikengera, ukwiyita uwudashoboye, ukwiyita ntavyonshoboye n’ibindi…, n’ukuvuga y’uko iciyumviro cose uzogira cose kizobanza guca muri ako gakarabo , twofata ko kameze nk’urusenga maze , kakiyungurure gace kakigusubiza kamaze kucanduza ubwoba , ukwikengera n’ibindi.

Yamara mu kiringo , isanamu wiha yoba ifise inkingi z’ukwizera( foi) , ukurinda, ukwubahuka, umwete, …n’ibindi, iciyumviro cose ciza uzanye kizoheza gice gisa nk’igiti giteye hafi y’umugezi w’amazi, giheze kimere, gishurike kigire ivyamwa vyiza.

IMPANURO.

Ugasanga umaze kugira isanamu ijanye n’ikintu wifuza gushikako muri kazoza kawe, gerageza urondere uko woduza ukwiyemera kwawe. Tora urupapuro wandike ibintu vyose ubona bikenewe ko wobanza kugira kugira ushike kuri ico kintu. Ihe indero y’ukwandika ibintu bishika 20 ubona wobanza kuba kugira ushike aho wiyemera koko ko ushoboye.

Heza ufate ingingo y’ukugenda uratunganya kimwe kimwe, gushika aho uzokwumva ko umaze gushika ku kiringo c’ukwiyemera nk’umuntu ashoboye. Hari ivyo wumva utegerezwa kubanza kwiga, emera urare amajoro, uvyibohereko uvyige maze mpaka uze ushike aho wumva uzoja gusaba akazi abagafise umenyesha ko utaje gusaba akazi ahubwo uje kubafasha kuko wiyumva ko ufise ubuhinga bukwiye ufatiye kuri profil y’umukozi bakeneye.

UWUSHAKA UMUBIRA ABIRA AKUYA

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765