BurundihomepagekirundiSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Urukiza rwawe, ruri muri ivyo biganza vyawe nyene. Umusi wabimenye uzoba ukize!

Brian Tracy, ntiyayivugije, yayiciy’umurya!Mu gitabo citwa ” The power of your self-discipline”  yayinditse, aradusigurira neza uko ibintu bimeze. Ngo yarihweje asanga kumbe umuntu avuka agakura afashwe mu mugongo n’abandi , maze n’iyo amaze kugera mu bigero nga agasanga yaramugariyeyo, akaguma yumva ko umengo hariho ivyiwe vyobazwa abandi.

Ico rero ngo kiza nk’igitutu kiza kuduhuma amaso maze kikatwibagiza nyabuna gukoresha ubushobozi nta ngere baryamye aha mu bwonko bwacu kugira natwe duheze twibohore nyabuna twidegemvye, ureke kwama urya ivyo utamitswe n’abandi( Shobuja canke abandi).

Mu rwevu rujanye n’ibintu vy’impwemu bavuga yuko igiharuro 5, ari igiharuro ngo gisigura  ukwidegemvya. Ukubona rero ibiganza vyawe Imana yabihaye amano atanu, hamwe n’ibirenge vyawe nyene ikabiha amano atanu, wari ukwiye kuhacira urwevu ukabona akabanga Imana yakongoreye. Ivyo birwanisho n’ivyo ukwibohora, maze ubeho nawe , ah’ugukorera naka kumbe nyabuna nawe ugire abagukorera.

Aha i wacu gute?

Vy’ukuri abatari bake baraciye urwevu ariko biragaragara ko hari benshi tugifise intambwe nini y’ukwiyumvira. Aha ndaraba nk’urwaruka ruba ruhejeje amashure kandi ari incabwenge yamara ugasanga bugingo adashotse aronka akazi aciye yihebura akirirwa yicaye harya umukomye akakubarira ngo, akazi ntako.

Mbega urazi ko ushobora kuba wize droit yamara ugasanga wobaho neza mu gihe wofata umugambi w’ukudandaza i Birato??. Mbega urazi ko ushobora kuba umudandaza ruhebwa na narirya imbige ziriko ziraguka, ukaba uza waranarose urupapuro rw’inzira rwo muri kano karere?

Yaco uboherwa mu vyo wize gusa

Abantu benshi niyo tugiye kwishure womengo ntituzi ivyo turondera. Ugombe ubifate uku: twese aha turondera amafaranga. Igihe cose uvyutse uvyumve kandi uvyemere ko ico turondera ari amafaranga. Amafaranga dutegerejwe kuyarondera mu buryo bwose buhuye n’amategeko, tugakoresha inguvu zose dufise mpaka tuyarose.

Mbega urazi igituma dukeneye amafaranga?

Amafaranga atanga umwidegemvyo( Freedom).

Iyo ufise amafaranga, uba ufise ukwidegemvya. Uba ufise ukwidoraguza uti nshaka kino canke kiriya. Uba uri mu mutekano ku bijanye n’ivyifuza binyuranye dufise aha kw’isi. Uba ufise inka n’imirima. Abantu barakwubaha. Aho ugiye uragira ijambo. Uravuga abantu bakumviriza kandi ivyo uvuga vyose baravyemera. Abakunzi baba benshi ( Baba ab’ukuri canke abangushi).

Nabo nyene bize ikirenga , baragutwengera!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765