Burundiculturehomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu-Urwaruka| Ibaruwa ryandikiwe ndacari muto: Ugusambura inzitiro kugukwegera inzitizi

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ndacari muto, ubu nyene ko uri mu kiringo c’ukwubaka ingoro uzobamwo mu myaka izoza, igihe iyubaka rizoba ryararangiye. Iki nico gihe uriko urabiba, ubagara akarima kawe mu kurindira ko imyaka y’ukwimbura igera.

Ubu niho rero utegerejwe kuhagabira, ukazitira ako karima kawe. Aho hateye  uwo muzabibu( l’ensemble de tes valeurs). Aho nyene niho umwansi nawe ashaka kwinyengetera, kurya kw’inzoka inyengetera mu bwatsi. Ako ni nka karima Eden, inzoka yanyegetera mwo maze ikavayo ibambitse isoni, bakabona ubwambura batahora bibonako, bagacika ibimaramare.

Ni vyinshi biguhanze amaso. Strategies bifise n’iy’ukugusamburirako inzitiro( clôtures). Inzitiro zawe rero ni ingingo wewe nyene wifatira wumva muri kameremere kawe ko zihuye n’ubuntu. Isanamu y’ico wokwifuza kuba kiberanye n’ubwiza bw’umuntu,, akaranga n’ubushake bw’Imana yakuremye.

Umwasi aguhanze ijisho muri kino gihe kuko arazi ko uri mu bihe , ibishobisho birungurije kurya kw’itanure. Arazi aho urwaye. Arazi ivyo  bishobisho vyawe ico vyifuza. Uburyo azokoresha ni bwinshi. Ubu arorohewe cane. Aca mu bagenzi, aca muri telephone, aca henshi cane. Ni ukwama ugavye!

None mbega inzitiro zawe zifashe gute? Urafise ibwirizwa shingiro rikugenga? Mu gitabo canditswe n’uwitwa STEPHEN .COVEY   citwa “The 7 habits of Highly effective People“, kimwe muvyo ahanura buri muntu wese n’uko yoba afise ibwirizwa shingiro rimugenga we nyene yiyandikiye. Iryo bwirizwa shingiro rero ni iryo uheza ukandikamwo urutonde rw’ivyo wewe , mu gateka kawe wumvu utegerezwa kuba uzomara kuri ino si.

Iryo bwirizwa shingiro niryo uheza ugashiramwo ibijanye n’ubuntu bwawe, ivyo wumva utirekuriye wewe nyene kuko bidahuye n’ivyo wokwemanga ugeze mu katabesha. Ivyo rero urahez ukaca uvyamiza hafi bigateba bikaba nk’inkinziro. Igihe cose hagize uwuza kukubwira ibitajanye na valeurs zawe ugaheza ukamwumviriza ukinumira kuko aba amenze nk’uwukubise umutwe kuri ku kibuye.

Nayo n’utazibirira kure, ukaza urazireka zirwako wibaza ngo uzozibuza kunoba, uzoheruka waziretse ntuzomenya uko zanovye! ikintu cose ukoze yamara ukumva ko utocemanga imbere y’abantu, ico  ni ikiriko kiragusamburirako inzitiro zawe. Uko uzoguma ureka, kizoheza kibandanye kigusamburirako inzitiro, mu kiringo c’imyaka cumi usange caraguye nk’akayungiro, usigaye uri nk’agati ko ku nzira kamurwa n’uwushaka. Ejo hazogera abo muhuza amaso uce wumva ukorotse kurya kw’iragarira mu buryo bw’impwemu kuko uzomenya uti “ivyanje vyoosse arabizi.

Abo nyene baguhenda uwu musi, nibo mu myaka uzoba utanguye kwiyumvira ibijanye n’ubuntu bazogutuma agatoke bitwengera bati “urya arahumba , imiziro yiwe yose turayizi” akavuze Nkeshimana ku vyo Inamihungu yagiriye umugabo.

Andika kandi wamane hafi ibwirizwa shingiro rikugenga. Hagarara uhagararire inzitiro, kuko ivyo uriko uragira, ejo bizokubera imisozi. ” Nimba ukwambara imihenerezo wumva bijanye n’ubuntu bwawe, kandi ukaba uzovyomenga n’igihe nk’akarorero woba uri umupfasoni w’umukuru w’Igihugu, aho bandanya. Nimba ukwambara impantalon munekeri, ivvyogiye musi bikaja hejuru y’ivyogiye hejuru wumva ko bijanye n’ubuntu bwawe kandi ukumva ko naho mu myaka iza woba umukuru w’Igihugu ukabigumana,wumva ko bibereye kandi ukazovyigisha abana bawe ibandanirize.

Nayo nimba wibaza ko ari ibijanye n’ubuto gusa, aho uriko urihenda, biheba, nta kamaro. Kandi wibuke ko  Abantu burya bakwihweza!! Yaco wibona isanamu yawe y’ubu, ibone muri kazoza? uko uzoba umeze!

CE URWEVU, SOMA IBITABO, NTUTE UMWANYA!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766