BurundiCour anti-corruptionhomepageIvyaranguwekirundipersonal developmentUrwevu

#Urwevu| Urwaruka| Ikibazo s’uko ibintu bikomeye, ikibazo n’uko bikomeye kukurusha.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abantu ukanza wumva ngo jewe ndi Ingénieur Electro-mécanicien . Uti aho. Ngo kandi “j’ai distingué”. Uti ahh, ni sawe kweli. Uti none ubu uri mubiki? Ngo ” wapi, urabona nta kazi kahari, ubu nabaye ndaja kwigisha muri Lycée Communal CENDAJURU kandi mpembwa aya n’aya comme Salaire de base. Uti ni hatari. Uti none ufise imigambi nyabaki? Ngo” Hewe ngo biragoye n’ukuri”. Nawe uti biragoye nyene!!!!

Abahinga bakumenyesha ko utatangazwa n’uko ibintu bigoye. Ibintu bitegerezwa kugora nyene. Yamara none ikibazo ukwiye kwibaza ni iki. Kubera iki hariho abo bitagoye? Kenshi iyo twibajije gutyo turaheza tukaronka uruhojojo rw’inyishu harimwa nka: “Urya urabona afise bariya benewabo…., urya urabona bino na biriya”. None weho ko ivyo wumva data utabifise uriko urakora iki ko tuzi ba Sokuru bayamaze bati” UWUTAGIRA INASENGE ARISENGANA”

Ikibazo si uko ibintu bikomeye. Ikibazo n’uko ibintu bikomeye kukurusha. Uburyo bwo nyene worondera ni ukurondera gukomera kubirusha. Igituma uri aho ubu uri n’uko ku vy’ukuri ataco wagize kirushije cane abandi benshi bari muri ubwo buzima nyene.

IMPANURO

fata ingingo y’ukwongereza agaciro kawe.

Hitamwo icirwa wumva wize wiyumvamwo, usubiremwo ama notes yose. Iki gihe ntuzoba uriko uraciga kugira uronke amanota, yamara uzoba uriko uraciga kugira ukimenye. Gisome, wongere usubire. Ugabanye gusoma ibindi vyose, ubona ko ivy’ugusoma hiyo icendajuru kandi navyo bitabuze, utibagiye n’ivyimburwa vya BRARUDI. Gisome, wongere usubire kuko urafise umwanya. Rondera ubumenyi wongereze kuri Internet. Abahinga bakumenyesha ko ukazoshitsa amasaha 10.000 uriko urakora ico kintu nyene uca uhinduka umu expert. Hazoheza hagere aho uja muri Conférence canke wumve aho ibibazo biriko birakorwa maze ugiye gukora batoye copie yawe babone watse kurya kw’umuriro! Ufashe ijambo naho kubijanye n’ivyo vyirwa bumve ururimi rwawe rukarishe nk’urwembe!! BAZOKURONDEZA URUSHINGE.

La chance n’est autre chose qu’une rencontre entre l’opportunité et la préparation

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764