Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevu

#Urwevu| Ushobora gusanga uboshwe ic’amaso utabica n’ikanda.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ukwidegemvya ni ukuba ufise ubushobozi bw’ugukora ivyo uzi wategerezwa gukora

Aha naricaye ndasooma bino bitabo abaciye urwevu banditse mbona ni vyiza cane. Ariko rero uwundi musi nariyumviriye nti none ni guki , ivyokorwa tubizi mugabo bikanka ko tubikora? Eka mbere ico nico kibazo Umwanditsi ” Brian Tracy” mu gitabo ” The power of your self discipline” yibajije, ati biratangaje kubona umuntu aba azi iyo agomba kuja, mbere agaheza akanerekwa uko ari bujeyo mugabo bikanka kabisa! Ugafata umugambi uti ndahevye canke ndagabanije inzoga, mugabo kweli bikaguta ku w’amazi!! Docteri ati udahevye bino uzohava unarwara cancer, mbere na wewe ukabiraba ukabona ko arivyo yamara ukarondera kubihindura bikaguta kuw’amazi!

Mu gitabo citwa ” 7 Strategies for wealth and Happiness” canditswe na Jim Rhon nawe nyene aribaza ico kibazo aho aba ariko yibaza kubijanye n’uko umuntu yohinduka. Aratanga akarorero ati nk’ubu igitabo citwa ” Think and Grow Rich” canditswe n’uwi Napoleon Hill , ati catumye abantu benshi baba abatunzi kubera impanuro gitanga, ati mugabo abantu urababwira ngo bagisome benshi bikabata ku w’amazi! Kuri Jim Rhom mbere yasanze ngo abantu burya badashobora guhinduka. Ngo uguye k’uwumeze neza ni vyiza, ngo uguye k’uwugoye vyokubera vyiza ari wewe uhindutse kugira mugendane kuko “umuntu we nyene ushoboye guhindura ni wewe nyene”.

Jewe rero ngarutse nkiyumvira naciye nsanga twogaruka aha iwacu kuri bimwe twita ibinyamubiri. Ivyo binyamubiri nivyo twita ibishobisho( Emotions). Muribuka ko twabonye ko hari ivyitwa “abaganza”. Jewe nibaza yuko ivyo biza kutubera ifuro ry’igiti ari ivyo vyatuganje. Umuntu akabona ibintu yogira kugira ave mu bukene , mugabo bikamuta ku w’amazi.

None murumva n’imvugo dukoresha ngo ” Vyamunaniye”, vyamutaye k’uwamazi…..Ibiki?????

Mu majambo make, kuva tukiri bato, uko tugenda turakura haba hari ibintu twagiye turakira, maze kenshi tuvyakirana ibishobisho vyinsi ku buryo rero vyahavuye bigenda muri ka gahande Subconscient bikamata yo. Kandi abahinga barerekanye ko, naho wokoresha ubwonko bwawe gute, kenshi ibiri muri subconscient nivyo biruhira kuba. Ukavyuka mu gitondo, ukoze mu mufuko ugasanga ntacaraye gisigayeyo kubera ivyabereye mu kirabu, maze ugaca utangura kw’imyoza, n’imisaya ugahekenya hamwe n’indahiro ha mbavu uti , inzoga ndasezeye. Mugabo bugingo hageze sakumi nimwe, hagize uwukubwira ati nsanga kwa naka, ugakata ugaramye n’inkugugu ugasura nyabuna usubirayo!

Nico gituma nk’uko twabivuganye nasanze intambara umuntu arwana adashobora kuyitsinda atarwanye n’ibiri muri we nyene. N’ukuvuga ko mu kiringo udashoboye gufata ingingo ngo uyigendereko, uba ufise ibindi bintu muri wewe vyakugararije, vyakuganje, vyakubanye amahanga.

Ngarutse kuri ya Psaume ya 2, nca nsanga umengo ni ubumwe muri bwinshi bw’ukuvyihaniza ukabishira ku murongo. Dufate ko uvuze uti mfise intumbero ya kino, mugabo ukumva nta muhamagaro ufise w’ukugikora, ukumva nta kwemera ufise. Aho uraca umenya ko hari amahanga y’ibintu yinyegeje muri subconscient yafashe aca yicara kuri ya ngingo wafashe maze bakanka kugendera ku mategeko weho washinzi.

Umwami Dawidi yari afise ubushobozi bw’Imana muri we aho yashobora kwumva uruyogoyogo n’impari bivugira muri subconscient maze bigatuma akoresha amajambo ahuye n’ibiriko biramubamwo mu buryo bw’impwemu. Kandi uciye ufatira kuri bimwe bita la loi des correspondances canke la loi des affinités uca usanga ko iyo hari ibinyamubiri vyakuganje mu buryo bw’impwemu, uca usanga no mu buzima bwawe bugukikije hari nyene ibisa n’ivyo nyene, maze rimwe na rimwe n’imbwa watobeye uyikankamiye  imbere y’ukugamburuka ukabona ko yari yabanje  gukiriza  ukuguru ngo igutere umugere!

Bibaye uko , ntibizogutangaze ngo uhave uyitera ibitarwa ,nyabuna uraheza uce ubona ko umukino uriko urabera imbere muri wewe nyene.

Igihe cose ubona ukinanirwa n’ugukora ivyo wari utegerejwe guko ngo uhinduke, heza umenye ko utidegemvya, ukorere ku binyamubiri mpaka bireke ca gihangange WEWE kiri muri wewe nyene ciganze. Psaume 2 irashobora kugufasha ukavyihaniza , mazi “l’oint”, le Christ, Inner man, higher self” ari muri wewe nyabuna yoye kwiganza , ibinyamubiri bireke , ah’ukumwumvira, kumwicisha iminihiro, nk’umugore “Nyambika Nyambika” akavuze  Umuduri wa NKESHIMANA. Ni uburyo bumwe bw’ukudodora ku muryango wa subconscient ukaza uti ” Urwo ruyogoyogo numva mu hana ni urwiki”?

FATA INGINGO Y’IKINTU UGOMBA GUSHIKAKO. MAZE UHEZE UZE URIYUMVIRIZA. WUMVISE UMENGO UTUGUVU MU KWEMERA TWAGABANUTSE UHEZE UZE URAVUGA AYO MAJAMBO Y’UMWAMI. ( Uburyo bwo nyene tuzorya amafi twirobeye ni mpaka duciye urwevu tukamenya natwe kwishikira kw’i Bahari).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765