AmazingBurundiSantéUrwevu

Urwevu: uwuguhaye igiturire ukacakira, aba akugize ntyo!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo( ( change).

Uruyuki rutakigira uruboyi ! Akugira ntyo, akagusiga ntyo! Aba aba aguhongoye mu buryo bw’impwemu,.

Aba agushoboye. Kuko uba ugiye ku rutonde rw’abantu ashoboye. Abantu ashoboye gukoresha nk’ivyo aba ahejeje kugukoresha. Ibiterasoni!

Mu kiringo ashoboye kurehura akaboko kiwe karekare akagashikana ahabitse itunga ryawe rikomeye( ta dignité) , ubuntu, maze agakororerayo ibingorongoro, noneho utivyukiranije , kuri we ,ubu ucitse nk’isandungu , isandugu rihwahutse, ritagira agaciro.

Aba agusize ku ngaratete, aguciye iyondoyondo, agukuye umutamana wambitswe n’abari bakwizeye.

Ivyo bingorongoro bisambura impome z’ingoro yo mu mutima ahabitse “ubuntu” bwawe, ni indya nkudye. Mu kiringo weho wabikoze winyegeje, mu buryo bw’impwemu hoho, baba bakubona ntya!

Uraheza ukaba wugururiye imiryango, ivyagirije bizokwakiriza , hamwe n’uruvyaro rwawe rwose iyo ruzova rukagera.

Ibintu uba ukoze, ni urudubi ntawobivuga ngo abimare.

Mbega none uwaremye ijisho ryawe yoba yaremye ijisho rirusha ukubona ijisho ryiwe? Nimba ubikora, arabibona akinumira, ikibi n’uko uzohava wibaza ngo ahuye nawe maze ugahava uhinduka “barendegere”.

BURA KWIVYUKIRANYA UKABIVAMWO AMAZI ATARARENGA INKOMBE!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 285