kirundiUrwevu

Urwevu: Vyokubera vyiza upfumye ugenda kwanda umusururu canke ubuyeye!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira ukuntu yobivamwo

Nimba rero ubucuti ufitaniye n’imirimo yawe ya misi yose ar’utwo dufaranga tw’intica ntikize bita “umushahara”, mu bisanzwe warazimiye. Ukora ivyo udakunda. Nta passion ufise y’ivyo ukora, nta rukundo.

Kimwe rero abahinga bakumenyesha nko mu gitabo citwa “The one minute Millionaire”,canditswe n’abagabo babiri bo muri Amerika MARK VICTOR HANSEN hamwe ROBERT G.ALLEN mu kigabane bise ” THE THIRTEEN AHA : TAPE INTO YOUR GENIUS”, baraheza rero bakerekana ukuntu, kimwe mu buryo bwo nyene buhari bw’ugushobora gushika kw’isonga ry’aho ubushobozi bwawe bugera ari ugukora ivyo wumva ufitiye urukundo cane.

Ikiza kuba ikimenyamenya ko ufitiye ivyo ukora urukundo rero ngo n’uko  uheza  ukwumva  ukora ibintu kuko bihuye n’uko wewe nyene umeze , nyabuna ukumva ari ibintu biriko biragufasha gushira ahabona, ukurema ibijanye n’ibiri mu gatimatima kawe. Muri ico gihe, ukubikora bigutera kwumva ko uri wewe nyene muri wewe.

Muri ico gihe, umushahara uza gusa nk’ikije kugufatira impwemu kuko kanatsinda ukeneye n’uguhema. ( Hakora mu nda)

Nayo iyo umutima wawe utumbereye ku mushahara uraheza ukama widoga. Wama ubona ko umushahara ari muto, ugaheza ukama wama wijiriwe , wamana imyidogo, iyo atawugukibita ijishougasanga wamye uriko  uronsa isuka. Usanga uriko urigenza kurya kw’umuhigi ariko arahiga, ariko yiruka inyuma y’imashwa atarya inyama zayo. Ba sokuru baca bavuga ngo “ayihiga nk’uwutayirya”.

Araheza mbere agakorana inzigo, nayo abahabonera amakuba  bobo bakaba abaza ku musaba services zijanye n’ivyo ajejwe. Arakuvumura maze n’agatima k’ukuzosubira kuja kumuraba kagaca kijura canke bikuburiye ugasanga utegerezwa gusubirayo ukabanza gukubita “urumenyetso” nka kurya k’uwoba agomba yinjire mu rwuri rw’intambwe, ugatinya ko uhava usohoka i bureau umutima wawe bawutabaguye, utunguwe n’abo n’abari bajejwe ku gutunganiriza, ugasohoka wijiriwe, usohokanye amarira asumba ayo wari wajanye kuko ubu hoho uba uciye “ubura ay’ucira n’ayo umira”.

Nimba rero uriko urakora ibintu wumva udashaka, bivemwo! Kuko  Vyokubera vyiza kudandaza umusururu canke ubuyeye nimba vyo data vyokubera vyokubera vyiza kuko navyo birimwo amahera. Reka kwicara mu bureau uriko urakora akazi kagutera ukugira umujinya, ugasanga warabaye bamwe abantu twakura bita ngo ni   “Musyisyi”, mbere uravye nabi n’umushishito wo munda ukaruhira kugushishitira , mu maso naho ugahinduka ukama umeze  nk’umutu afise mu kanwa umurarazi, umuravumba, mu gutwenga naho bikagaragara atakwihenda ko kwabaye nk’ugufukurira utwinyo gusa , nk’uwugize ati atange akayaga.

Ugasanga uri nk’umuganga, umuforoma, maze  umurwayi akaza agakumbagarira imbere yawre, kikarya kigovyora mu mitsi no magufa,yamara ugasanga  ariko weho bikakubera nk’ibintu utoha agaciro, ntihagire n’ikinya ugira,  nayo bishitse ugakubitako n’uruho rw’amazi ugaca wihutira  kumuryagagura n’ukuryagumba , ukamurya  umutima nk’uko umengo urwari rumiriye rukamutera ugutumbera ku muntu nkawe rwo nyene gusa ntirwari rumaze.

Canke umuvyeyi yari aje gutabarwa akamurekera ku ngaratete , agahuzu yari akenyeye mu bitugu no ma mafyinga kakamwikura , iyo atarose abamuba hafi agaheza agakumbagara ku mugaragaro, abahita harimwo n’abatari bazi ibijanyenn’iryo banga bakihera ijisho , gutyo ah’uguhabwa agateka gahabwa umukenyezi, umupfasoni, umuvyeyi aba ariko atabaza, bigacika ibintu bisanzwe,kandi aba ari ku manga.( Igitangaje n’uko usanga hariwm n’abaforoma bazi ivy’iryo banga yamara hageze gutabara abandi bakagira imitima isa n’iyihuraraye, isaba ukubanza gutsiritwa kugire ibe yokwumva ibiyigana.( insensibilité).

Abandi baforoma b’ibigaba nyene  mukabona baje bafise ikaramu na kamwe gapima ubushuhe be n’ididagirika ry’umutima  bakambaye mw’izosi, mwebwe mwari mumuherekeje umurwayi canke na nya ndembe nyene, mukamera nk’abigoroye mugira muti uwacu agira atabarwe mukaza guhebuzwa n’agakunguku basize babasuriyeko, no mukabona musi y’ibirenge vyabo iyo barenganiye  mugahwihwisha., muhumaguza gutyo umuntu yaje ari indembe akarindirizwa kandi ibitari bike biba biza bigaragaza ko imigozi y’ikuzimu  iza iriko irikazanura.

Ugasanga ivyo ukora utabikunda yamara nyene utiri bubihebe ku mvo zijanye n’ukurondera ico ukika mu nda, iga kubikunda. Vyose birashoka, vyose ni “state of mind”. Kimwe mu bizogufasha ku bikunda , tangura uno musi kubwira Imana ko uyishimiye ku kazi yaguhaye. Gutyo ibizokurikira bizogenda neza nayo ahandi nta co wanze!

N.B  Aka karorero k’abaforoma ntanze bishobora kuba atariko bimeze aha iwacu, sinzi aho nabibonye kera nkija  kurobera.

VEYO!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 459