DevelopmentEducationhomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

Urwevu: Weho none udandaza gute?

 

Abahinga bose mu budandaji bagiye barabigarukako. Aha duciye ku masonga twovuga nk’uwitwa Brian Tracy hamwe na Zig Ziglar bo muri Amerika. Bose rero barihweje inyifato y’umuntu, maze bayigereranya n’ubuhinga bw’ukudandaza baraheza basanga yuko abantu bose turi abadandaji.

Twese umwe wese arifuza ko inyifato y’iwe yokwakirwa n’abandi. Turi abadandaji b’inyifato.

Nk’uko rero babivuga , bakanabihurizako, basanga ngo ikintu gikomeye umuntu ategerezwa kumenya mu vyo akora vyose, ari ukumenya igituma abantu bogura ibidandazwa vyiwe. Ni kubera iki wiyumvira ko inyifato yawe abantu boyishima?

Abo bahinga rero banonosoye kandi ibijanye n’inyifato y’abaguzi, baraheza bakatumenyesha yuko abaguzi bagura kubera imvo zifatanye n’ibishobisho vyabo muri ako kanya nyene.

Umuhinga rero w’ukudandaza, yaba inyifato canke n’ibindi bidandazwa vyose nyabuna ngo yokwijukira ukubanza gufata akanya akiga, akamenya ivyo abaguzi bifuza. Ni ugufata akanya, ukiga, ukitonda, ukabaza ibibazo, ugakoresha impano zose Imana yaguhaye maze kugira umenye ibigoye uwundi maze uheze nawe urondere inyisho zomushika ku nyota.

Ivyo kandi rero birafatanye cane n’inyifato zacu. Kenshi, kubera ico abahinga bise “EGO” turaheza tugasanga twakebanuriye amaso ku rutonde rw’ibitugoye gusa, maze bigaheza bikaduhuma amaso, bikatubera imisozi y’ukutubuza kubona ibihanze abandi.

Turaheza rero mu kiringo twegereye uwundi, duca dushaka y’uko yokwitaho ibiduhanze, maze tukababara cane ngo ntatwitayeho nk’uko umengo wewe ntavyo yari afise bimugoye.

Mu kiringo rero, muri kamere kacu usanga twese twamana urutonde rw’ivyo twifuza, gerageza uhindure umukenyuro, weho uko bukeye wihe kugira urutonde rw’ivyo wibaza abo ushaka ko bagufasha boba bifuza. Gutyo uzoba uriko urahindura umukenyuro kandi uzoba uriko uraca mu ryahumye ya nzitizi “Ego” yama ishaka ko umuntu yizingira kuri we nk’igikogoshi, maze ukama weho ubona ngo waragowe , ngo abandi bose barakwanka, ukihutira kugira urutonde rw’abakwanka yamara ukanyegeza kure urwabo nawe uterekwa.

Hindura umukenyuro!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762