Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Winjira mw’ishamba utazi ugaca inkoni utazi! Uwu mwaka 2020 wawise ngw’iki?

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Imisi 14 irarangiye muri uwu mwaka wa 2020, ugejeje ikivi hehe? Ugiye hehe, wafashe ingingo iyahe?

Abahinga rero nk’uko twabivuze, baramenyesha ko ukwinjira mu mwaka utabanje kuwutegekanya ngo bisa nk’umuntu aba yinjiye mw’ishamba. Ba sokuru nabo murazi ko bayamaze bati “winjira mw’ishamba utazi ugaca inkoni utazi”. None uwu mwaka winjiyemwo, wawise ngwiki? Ni iki wawinjiyemwo ugiye kurondera? Uwu mwaka uzohera umeze guse bitandukanye n’uko umeze ubu? Abahinga bavuga ko iyo utariko utera intambwe uba uriko usubira inyuma.( Qui n’avance pas recule)

Kurya kw’ibiti iyo uri mu muduga ubona vyiruka bisubira inyuma, niko nawe umwaka ikubona  usubira inyuma nk’ibirenge mu kiringo wiraramiye ngaho nk’urukero ngo witeze akava i muhana

Abahinga babitohoje basanze intambara ya buri muntu ari ukurondera uguhinduka. Igihe wase guhinduka uko ushaka, uzohinduka uko isi ishaka kuko uko bigenda kwose utegerezwa guhinduka . Nta wonga mazi atemba incuro zibiri. Ayo woze arabandanya. Ukanka gufata ubuzima mu minwe yahwe, buzohitanwa n”ibihuhusi hamwe n’imiriro ya nyakanga , ubona ko ibisiga bihiga imiswi y’ibigaba bitabuze!

Abahinga bavuga ko , ata bundi buryo bundi bw’uguhindura ivyacu tutabanje twebwe nyene guhinduka. Wewe none wateguye guhindura gute?

Nk’ubu nk’akarorero wofata uwu mwaka ukawita ” Année d’Excellence” woheza ugaca wama uzirikana mu gihe cose ugiye kubika isoni canke wikanguye ko ikintu uriko urondera muri uwu mwaka ari  ukwisununura maze ukarondera kuba uwundi utari uwu musi, kuko ibintu ubamwo ntibishoka guhinduka udahinduye uko wewe nyene uri uwu musi.

Maze uzoheza uce uza urarondera kumenya uti mbega “Excellence” ni iki? Uko uzotera uca urwevu, niko uzoba uriko utera intambwe uja kw’isonga( L’excellence).

Ibi bintu n’ubigire ntaco uzoba uhomvye cane cane wewe ufise amahirwe y’ukuba ukiri muto!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765