homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Ayandi mabanga ukwiye kumenya ku nzira ija ku masonga(2)

Ugasanga rero umaze gufata ingingo y’amafaranga uzoba ufise mu myaka hagati ya 5 na 10, urakwiye kumenya ibi bikurikira. Ico uri uno musi, ni igitutu c’isanamu wiha mu mutima. Ivyo uri uwu musi ubiri kubera ukwo uri muri wewe nyene. Ntushobora rero kuronka ibintu binyuranye n’ivyo uri uwu musi ukiri uko uri.

Ibanga nabonye kuri ino nzira nk’uko abahinga babihanura, n’uko umenya ko muri Restaurant y’Ubuzima bariha imbere. Uwabaye mu bihangange vyarongoye Leta zunzubumwe za Amerika yitwa Abraham Lincoln niwe yamenyeshe ko umuhaye ishoka ngo ace igiti, ngo yoheza agaca afata agakoresha ibice mirongo icenda kw’ijana akarisha ishoka, cumi kw’icana nayo akayikoresha mu guca nya igiti.

Ku nzira yokwisonga, utegerezwa kwemera gukoresha umwanya munini urondera gukiranura isanamu usanzwe ufise. Bizogufata imyaka itari mike kugira ka gahande ko mu mutwe gakorana n’Imana gatebe kagondozwe kemere ko vy’ukuri ivy’usaba ubikwiye mbese Imana ibikurose. Ivyo navyo bisogusaba kwiga ivyo utazi uwu musi gushika aho wewe nyene muri wewe wiyumva ko uri umuhinga muri vyo.

Ikindi naco womenya, n’uko intambwo yose uteye idaheza ngo ice yibonekeza. Akantu kose uzokwiha gukora kajanye na Vision yawe uze umenye ko kagize ico kamara naho ata vyemezo bigaragara uzoba ufise. Ikimena ibuye si irya nyundo ukubitako ubwanyuma, ni urufatangane rw’incuro zooose wagiye urarihonda umengo ntiridonoka.

UMIRAKO!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691