BurundiAkes DonClementine KavyEntertainmenthomepageIsanganiro AwardskirundimusicPassport

Nsavye yakebuye abashaka kurungika indirimbo zabo muri Isanganiro Awards

Isanganiro Awards ngo igiye gutangura neza, kuko imisi y’ukwakira indirimbo isa n’iyiriko irarangira, noneho ngo hamenyekane uwuzosubirira Vestine.

Imisi isigaye ngo bahagarike gutora indirimbo zizoja muri isanganiro Awards ngo iri ku rushi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Christian Nsavye, umwe mu bamenyeshamakuru b’insamirizi Isanganiro kandi akaba n’uwuri mu bategura iryo higanwa.

Abicishije ku rubuga rwa Facebook, Nsavye yibukije ko abaririmyi ataribo bitwarira indirimbo, ariko aba Dj, abamenyeshamakuru hamwe n’abasanzwe bazihinyanyura bakaba ngo aribo barekuriwe gushikana izo ndirimbo muri isanganiro Awards.

Nsavye akibutsa ko akaririmbo kazoba katsinze iryo higanwa, yaba umuririmvyi yakaririmvye, canke umuhinyanyuzi bayikoze bazoheza bagahabwa ubushimwe. Aho mukamenya ko kamwe mu dushimwe duhabwa ari ukumenyekanishwa mu kiringo c’umwaka wose mu biganiro bitandukanye vy’umuziki kuri iyo nsamirizi, cane cane Uburundi buraririmba gisanzwe gikunzwe cane.

Iryo higanwa rikaba rizoba ribaye iry’7 iyo nsamirizi itunganije, kuva ritangura. Abaririmvyi nka Yoya Jamal, Mkombozi, Rally joe, N John, Spok’s na Vestine bamaze gutwara iryo higanwa. Muri uno mwaka wa 2018, uwaritwaye ariwe Vestine akaba yabaye umwigeme wa mbere aritwaye kandi anaririmba indirimbo zihimbaza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760