BurundiCour anti-corruptionhomepageIgice ca mbere 2019Ivyaranguwekirundipersonal developmentSpirituality and progressTestosteroneUrwevuyouth

#Urwevu|Mariage| Ukwubaka si ukwubika Inda! Mpunge urwaha yakimajije amaguru!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Kumbure iyi article uyisomye mu kiringo zari zaraye zirasha. Eka mbere naho zitoba zaraye zirasha ntuce urekeza aho, bandanya kuko ntazibana zidakoma amahembe. Mariage n’umusozi w’ivyiza koko kuko ni yo centre de formation y’ubuzima bw’umuntu, uhereye kuri twebwe nyene twubatse ugashika kuri ivyo bibondo, ivyama vya Mariage.

Yamara rero biranshika bikagorana, ahari hagenewe kuba isaso ry’urukundo hagahinduka urubuga rw’intambara, uwari Shetani aho ari agati agashira mu ryinyo ati “ndabashoboye pe!”. Yamara rero Iciza n’uko bidashika henshi ufatiye ku ngo zose, ibi tukanabivuga tunagira duti ntidutere ubwoba abatarazubaka ubona yamara naho nyene ko atawuca umugani umwana asinziriye!

Ukaba usomye iyi article wari umaze kugira ivyiyumviro uti jeho nzohava nta nomoke, sinubatse narinjiranwe, nahuye n’ikiza, banza ushire inkota mu rwubati. Menya ko ivyo vyiyumviro uriko uragira biriko birava ku mubisha Shetani we mwasi w’ingo n’imiryango. None ubwo bubi umubonako uwu musi utari wamubonyeko aho wamushima wewe wibaza ko bwoba buvuye hehe?

Ukabona ariko aratambuka adandabigirikana ku rugendo mwatanguranye ntiwihutire ku murekurira mu biganza bw’ivyambuzi. Mufate nk’uwatewe. Gabanya kurakara woye gukamira umwansi mu ceze. Menya ko hariho imiyaga mibi ata kindi ijejwe atari ugusambura ingo. Iyo miyaga izokora ibishoboka, itere mugenzawe ibigeragezo vy’ukwigenza nabi nawe ice iguha ishavu rirenze yongere mbere iguhe n’ukuza urabibona, ico akoze cose kibi ukaza ubona kikuguye mu biganza ugaca wibaza ngo” basha Imana yanje irankunda, amabi yose uwo tubanye akoze ansanga aho nibereye”. Uraraba neza, Umubi ni Umunyamayeri.

Imbere y’uguhunga ,urabanza ufukame umusengere nimba umukunda koko, kuko urwo nirwo rukundo nyakuri, na kare ngo “igito gitabwa iwabo”!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765