BurundihomepageIvyaranguwekirundiprimusic-burundisocieteUrwevu

#Urwevu|Tuzoshikayo ni twakora nk’ivy’abandi bakoze. Soma hano tugusomye!

Igitabo bivurwa ko cahinduye ubuzima bw’abantu benshi kigatuma abantu benshi bashika ku masonga ni igitabo citwa ” Think and Grow Rich” canditswe n’uwitwa Napoleon Hill yava muri Amerika, akaba yacanditse mu mwaka wa 1937 kikaba rero kimaze imyaka 92 yamara n’ubu kikaba kikiri mu bitabo bihanurwa na benshi ko umuntu yosoma.

Mu kwibaza ko nawe wewe nyene uzokirondera ukagisama, twibajije ko vyotubera vyiza twese tugiye turayaga ivyanditsemwo maze , turabe uko abandi bagize gutyo, ibi vyiyumviro natwe bize bihindure ubuzima muri kazoza.

Umwanditsi w’iki gitabo amenyesha ko, yari yafashe ingingo y’ukwiga ukuntu umuntu ashobora gutunga, akaba rero yemeza ko kirimwo impanuro n’ivyiyumviro bihagaze ku bushakashatsi yagize mu myaka mirongo ibiri n’itanu( 25 ans de recherches) mu bijanye na philosophia y’ukuntu ashika ku masonga yaba kubijanye n’amafaranga wifuza canke mbere n’ibindi binyuranye ko bimenyeshwa ko hari n’abandi bakomakomeye bashitse kure mu binyuranye mu kiringo bakoresheje ibi vyiyumviro nyene.

Iyi Philosophia y’ugushika ku masonga ( La phylosophie du Succès) rero, uwu Napoleon Hill yayishinze ko nkingi cumi na zitatu( Treize étapes) maze tukaba tugiye kuzoza turaganira rero kuri buri imw’imwe.

Akabanga ka mbere ngo : Ushake ikintu n’umutima uherezeko

Nyakwigendera Napoleon Hill aratwibira akabanga aho atumenyesha yuko ibanga rya mbere ry’ukugira uronke ikintu cose wifuza ari ukucifuza caaaane ku budyo utonarota wibaza ko vyoshoboka ntukironke. Aha rero aratanga akarorero k’uwitwa Edwin C.

Barnes ngo yari yagize ukwifuza gukomeye ati mpaka jewe ngize nshizehamwe n’uwitwa Edison yari ahejeje gukora ubwa mbere i machine y’ukwandika. Naho bitari vyoroshe kubera ko uwo Edwin ataco yari afise c’ukugira. Intumbero afise mu gutanga ako karorero n’ukwerekana ukuntu, kubera uwo Edwin C.

Barnes atigeze ahesha akaguma ku ciyumviro ciwe naho ababibona bamufata nk’uwuriko ararota, inyuma y’imyaka itanu ngo icifuzo ciwe cacitse ukuri.

Iyo ngo ugize intumbero, ukagira uti mu myaka cumi nzoba nfise amafaranga angana gutya, naho bitoba bigaragara neza mu ntango uko uzoyaronka, ngo nta nkeka urateba ukaza ubona biriko birashika. Ugasanga ufise ihangiro, nturekure, umirako, ushobora kuba utabibona ubu nyene iyo bija ariko, akabanga ni ukugumako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767