BurundiCour anti-corruptionhomepageIgice ca mbere 2019Ivyaranguwekirundipersonal developmentSpirituality and progressTestosteroneUrwevuyouth

#Urwevu|Urwaruka| Nkumi, ukaba udashaka ko zinoba, urazibuza kurwako!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

N’uko rero ibintu bikaza bukebuke tukabibona, tukabireka, maze mu kiringo bimaze kudukubita hasi, tugatungura gukorora imyosori! Iyo ufise urutaro ruriko ubumera, ntuze ureke inyamanza ngo zigweko witeze ngo uzoheza uzibuze kunoba!!! Ubwo bwenge weho woba wabukuye hehe????.

Ukazireka ngo zirweko, ntuzozibuza kunoba. Nazo nyene zizobona ko waziretse ngo zigweko kubera , mu buryo bwa kure, wameze nk’uwemera ko n’ukunoba zonoba. Aha twavuze inkumi ku mvo abatari bake baheza bagatahura mubona ko atari n’ubwenga ndabarusha!

Uru rugendo turimwo ntirworoshe , haba namba. Inzitizi ni nyinshi, imitego ni myinshi. Nayo ukiri umuyabaga hoho, na narirya uba ugifise amaraso abiragirikana uranavye nabi , utarikanuye, uraheza ugasanga waruciye rutaruma. Ibinezereza ni vyinshi, maze ubu hoho mubona ko dufise amaterefone ngendanwa, na bimwe bahora abavyeyi batubuza dusigaye tubiraba iteka ryose aho twigaramiye mu busaswa n’ukuri ndababaririye hazorokoka Umuhizi!!!

IMPANURO.

Abahinga baduhanura ko inyifato y’ubwonko bwacu ari ukuyikurikiranira hafi. Kuri iyo mvo, ni vyiza ko ngo umuntu wese aheza akagira INGINGO NGENDERWAKO NTABANDUKA  ( Personal Constitution). Hamwe uhaguruka warashize mu mutwe uti “iki kintu , sindinda n’ukurindira ko Maman Canke Papa ambuza, Jewe nyene ntavyo nzokora kubera ama valeurs jewe nyene niha. Ni vyiza rero ko ugira iyo constitution, yivyo wifuza kuzoba uri mu myaka yo mu bigero vyawe. Uvyandike maze uze urabisubiramwo gushika aho subconscient yawe ivyakira, ikagukingira imikuba y’ibishobisho bifatanye n’aho ugeze mu rugendo rwawe.

Ejo ugahura n’inyoni ubona ifise intumbero y’ugutuma urenga kw’ibwirizwa shingiro ryawe, uragendana nayo uyizi, ntuze uyireke ngo yegere cane ahanyegeje ubumera bwawe( Tes valeurs), oya, urabireka. Izokubwira ko ata ngorane , itokwubahuka kunoba ubumera, urayibwira ko ubizi mugabo yogomba ikaguma kure yawe gato da!

Abagiye barazireka zikarwako bizeye ko zitonoba, benshi nteberewe!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765